IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Parfait Onanga Anyanga na Edouard Nduwimana mu nama nkuru y’umutekano ya (...)

Parfait Onanga Anyanga na Edouard Nduwimana mu nama nkuru y’umutekano ya ONU

mercredi 14 Rusama 2014

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU irakoranira i New York kuri uwu wa gatatu. Muri iyo nama, Parfait Onanga Anyanga, aserukira mu Burundi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu barashikiriza uko umutekano wifashe mu Burundi.

Umutekano w’ibihugu bitanu n’Uburundi burimwo niwo uza kuvugirwa mu nama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uwu wa gatatu i New York. Ku bijanye n’Uburundi, abategetsi babiri aribo Parfait Onanga Anyanga, aserukira mu Burundi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, barashikiriza uko umutekano wifashe mu Burundi. Bompi bazoba bari i Bujumbura, bagashikiriza ivyiyumviro vyabo muri iyo nama biciye ku buhinga ngurukanabumenyi (Téléconférence).

Muri iyo nama y’urwego rukuru rw’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iba kuri uwu wa gatatu i New York, baraganira kandi ku bijanye n’amakuru avugwa y’itangwa ry’ibirwanisho mu Burundi hamwe n’ikiringo ca BNUB caheze, ikaba izohinduka "Equipe Pays".


Egide Nduwimana

Messages

  • MBEGA UBWO PARFAIT ONYANGA ARAZA KWEMEZA UMUSHIKIRANGAJI IMBERE YA ONU KUBIJANY NITANGWA RYIBIRWANISHO KURI YA MISORE Y’IMBONERAKURE ?JEWE NDASHIMA UKUNTU ONU IGUMA YITAHO UBURUNDI N ABABUBAMWO KANDI NDASABA ABARUNDI BAGERAGEZA KUYAGA BASHIRAHAMWE NTIBASHAKE KUJA KUBUTEGETSI CANKE KUGUMA KUBUTEGETSI ARUKO HASESETSE AMARASO Y ABARUNDI.IVYO TWUMVA MURI RDC BABISHIRE AHABONA NIYO MISORE BAVUGA IRIMURI KONGO BAMENYESHE AMAKUNGU ABARIBO NIBANDE BATUMWE NABANDE ?MURAKOZE IMANA IKINGE UBURUNDI MUGIHE C AMATORA.

  • Mbaga Edouard koyama yit’imbere,avura leta canke N’umushikiranganji w’umutekano???je nagira akazi karagabuye...

  • We sha kibondo wiyita Bizoza, b’ukinan’abomungana ntavy’inzegoza Leta uzi ngene bipanze!

  • Sinzi ko tuzohava turonka uwutwigisha gushikiriza ivyiyumviro vyacu neza, mugabo mbona umengo birakenewe. hari abatukana, abakarira abandi, abacira imizi ikuzimu bene wabo, ... wava he waja he!

    Gukara kuri internet, ... ni ugushaka gutwenza abantu canke? Ako kana gahoha, gakosore muciyumviro kugira kagororoke, mugabo nta "Kazibe". Kuko burya abana bose bahera guhoha, bagateba bakamenya ivyo bavuga. ikibabaje gusa, nuko na ba se wabo bibagora ingene bashikiriza ijambo. Terereza turabe ko iyo ngorane nayo yotora umuti nk’izindi.

    Shikiriza iciyumviro cawe neza, wibaza ko ari ciza, hanyuma abandi bagikenguruke canke bakinegure, kandi ntibigutirimutse; bizotwubaka vyubake n’igihugu cacu ubu no mumyaka iri imbere.

  • Barundi Amakungu Ntazigera Atugerera Aho Tutogeze Ivyobigwanisho Bihabwa Bande? Kuvaho Vyatangiw Ntibihera? Ubwo Nububeshi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.