Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paris : Jacques Chirac yagize uruhererekane rw’indwara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris : Jacques Chirac yagize uruhererekane rw’indwara

Paris : Jacques Chirac yagize uruhererekane rw’indwara

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Amakuru ava mu gihugu c’Ubufaransa, amenyesha ko Jacques Chirac yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yaraye yinjijwe ibitaro biri hafii y’igisagara ca Paris, imbere yuko asubizwa ku muhana iwe inyuma y’amasaha atari make.

Jacques Chirac akaba yasubiriye kugira ingorane ikomeye y’indwara ya goutte “violente crise de goutte” asanzwe agendana. Kuri uyu wa mbere wa 17 Ruhuhuma niho yajanwa mu bitaro vy’abanyamerika vyitiriwe Neuilly-sur-Seine kugira asuzumirweho. Indwara ya goutte ikaba ari indwara yo mu mitsi, ifatira mu ngingo z’umubiri na cane cane mu maguru. Ni indwara ibabaza, ariko ishobora gucureha mu gihe ivuwe.

Nk’uko bivugwa n’umwe mu bo mu muryango wiwe ushitse, imbere yuko Chirac yinjizwa ibitaro yarageze ku rwego atanagishobora no gutambuka, kandi akababara cane. Ariko naho biri uko, amagara yiwe ntasinzikaye cane, kuko yaciye aronswa imiti igabanya ububabare.

Mwomenya ko Jacques Chirac, atari bwo bwa mbere yinjizwa ibitaro, mu mwaka w’i 2005 yaragize insanganya yo mu mutwe, yongera aranabarwa mu mara mu mwaka w’ 2013. Inyuma y’indwara ya goutte, asanzwe afise n’ingorane yo kuza aribagira, umukenyezi wiwe Bernadette Chirac akaba yamenyesheje ko, umugabo wiwe atazosubira kuvugira ku rubuga rwa poritike, ku bw’ingorane yo kwibagira afise. Chirac akaba ageze ku myaka 81 y’amavuka. Bikavugwa kandi mbere, ko yoba ageze ku rwego rwo kuza aragarurirwa akenge hakoresheje twa dukinisho tw’abana bato (poupee).

Mwobibuka ko, Jacques Chirac yarongoye igihugu c’Ubufaransa kuva kw’igenekerezo rya 17 Rusama 1995 gushika kurya 16 Rusama 2007. Inkuru ya nyuma yaherukira ku rubuga rwa poritike akaba hari kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.