Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paris: Umugabo adakomeye mu mutwe yakomerekeje abantu umunani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris: Umugabo adakomeye mu mutwe yakomerekeje abantu umunani

Paris: Umugabo adakomeye mu mutwe yakomerekeje abantu umunani

dimanche 19 Rusama 2013

Mu gihugu c’Ubufaransa, umutama umwe w’imyaka mirongo itanu n’itanu(55) yarakomerekejwe bikomeye n’umuntu akekwa ko atari akomeye neza mu mutwe, kuri uyu wa gatandatu, mu gisagara ca Dourban( Essonne), aca ajanwa n’indege mu bitaro mu gisagara ca Paris.

Uwo muntu yoba atari akomeye mu mutwe yarakomerekeje n’abandi benshi akoresheje imbugita ndende ikoreshwa mu gikoni yari afise, ubu abo bahuye n’iryo sanganya bakaba bari mu bitaro i Paris. Ayo makuru akaba atangwa n’inzego z’umutekano n’ubutungane.

Umwe muri abo bakomerekejwe nawe yari mu bitaro, amakuru turonka akaba amenyesha ko yasohotse. Ku biharuro vyakozwe, bamenyesha uwo murwayi mu mutwe w’imyaka igera kuri mirongo ine yoba yakomerekeje abantu baharurwa muri munani.

Nk’uko bimenyeshwa na Olivier Legois, umukuru w’igisagara ca Dourban, ivyo vyabaye ku mugoroba w’ejo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Rusama 2013. Ku bw’iwe uwo yakoze ayo mabi ntiyavangura, yakomerekeje abo bahuye bamwegereye ataco yisunze. Yaciye ahagarikwa n’igipolisi, aca ashikirizwa abajejwe gupima indwara zo mu mutwe, aho bamenyesheje inyuma y’isuzuma ko afise ingorane zo mu mutwe.

Yaciye ajanwa mu bitaro vy’abarwaye indwara zo mu mutwe muri Etampes(Essone), rikaba kandi ritabaye irya mbere kuko amakuru yatohojwe yerekanye ko mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka turimwo uwo mugabo yigeze kumara imisi mike mu bitaro vy’abarwaye mu mutwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.