Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pasitori yakubiswe ahakwa kwicwa bamuziza udukingirizo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Pasitori yakubiswe ahakwa kwicwa bamuziza udukingirizo

Pasitori yakubiswe ahakwa kwicwa bamuziza udukingirizo

mercredi 29 Rusama 2013

N’aho hari ibintu twokwiyumvira ko hari abantu bamwe bamwe batobikora, cane cane nk’abihebeye Imana, hari umupasiteri wo mu gisagara ca Lagos, mu gihugu ca Nigeria aheruka gukubitirwa mu muduga n’abo yahora asengera bamuziza udukingirizo.

Nk’uko tubikura ku muhora ngurukana bumenyi daily.com, uwo mugabo w’umuvugabutumwa yari mu modoka yo mu bwoko bwa bus yariko itwara abantu ahitwa Apapa, bari mu nzira abona guhaguruka atangura kubabwira avugira hejuru, abasigurira ko badakwiye kubandanya bagendera mu busambanyi no gutwarwa n’ibigeragezo vy’isi y’ubu.

John Mbakoju, uwo mumenyeshamana yarabandanije asigurira abari muri iyo modoka ariko ntivyatevye kuko yagize ngo arugurura igitabu c’ijambo ry’Imana Bibiliya, udukingirizo yari yabitsemwo duca dukorokera hasi.

Abari muri uwo muduga baciye batwarwa n’agashavu kubw’ivyo yariko arasigura n’ibimubayeko baca bamurengerako barakubita begekako n’akabando.

Yakijijwe n’igipolisi hamwe n’uwariko agendesha iyo modoka, ahandi ho baruhuka bamwishe.
Abo bamukubise bakaba bamwagirije ko yatanze akarorero kabi mu gihe yariko abasasako akarimi keza, mu kubabuza ivyo nawe bamwagirije ko akora.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.