Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pastori Louie Giglio yanse kuzosengesha mu birori vyo kwimika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pastori Louie Giglio yanse kuzosengesha mu birori vyo kwimika (...)

Pastori Louie Giglio yanse kuzosengesha mu birori vyo kwimika Obama

vendredi 11 Nzero 2013

Pastori Louie Giglio yari yatowe ngo azosengeshe mu birori vy’iyimikwa rya Obama,yanse ku musi wa kane imvo ngo akaba ari uko atemera ingingo yo kureka abasangiye ibitsina ngo bubakane.

Pastori Louie Giglio akorero i Atlana yari yavuze yuko abarangura amabanga mpuzabitsina basangiye ibitsina baba kakoze igicumuro kuko biteye kubiri n’ijambo ry’Imana nk’uko ikinyamakuru c’ingurukana bumenyi Think Progress cavyibukije.

Amenyesha ko hamwe yokwitaba ivyo birori vyo kwimika Obama akongera akagira ico ahavugiye ,vyotuma abantu biyunvira ko ashigikiye abashaka kwironderera inyungu zabo muri uko kwimikwa nk’uko Pastori Louie Giglio yabibwiye abariko barategura iyimikwa rya Obama rizoba kw’ igenekerezo rya 21 Nzero 2013.

Umuvugizi w’umugwi ujejwe gutegura ibirori vyo kwimika Brak Obama wa Amerika avuga ko batari bazi ko ivyiyunviro canke ukwemera kw’uyo mu pasitori bitajanye n’intumbero umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yihaye iyo nayo ngo akaba ari gutunganiriza Abanyamerika bose.

Mwitangazo ryavuzwe kuwa kabiri rivuga ko uyo mu pasitori ariwe yatowe kugira asengeshe mu birori vyo kwimika Obama kuko yasubiye gutorwa muri Nyakanga. Kubw’umukuru w’uwo mugwi ngo yabona ko ivyo Pastori yakurikiranye vyagaragaza ivyiyumviro vya Obama n’icegera c’iwe kuko bemeye ko bazobandanya ico biyemeje ivyo navyo akaba ari : « ubutungane, ukungana, n’ukwizera kazoza keza ».


Grâce Irimbere

Messages

  • Iyi nkuru irahambaye kandi abatari bake ntibanabibonako ibihe bigeze mu marembera! Abari bamutumiye bari bibeshe cane kuko n,ubwo isi iriko irinjira mubihe vya SODOMA na GOMORA Uhoraho aracafise Intwari nka Danieli badashurukumba kubw’Ibirunge vyateguriwe ibikomangoma bakibagira Inzira z’Uhoraho.

    Ahanje iyaba abakozi b’Imana bagize ubumwe icokibi kibishe ntawohirahiriye ngo;Arambike ibiganza kubarimbuka. Abacamanza n’abize ivy’amategeko b.Isi barahagije boshobora kwimika no gukeza Abami bi Babloni! Uzobigira ntazobura kubwoba canke kwitonesha ariko azoba yoretse benshi kandi aciye intege abandi bakozi b’Imana. "UKUBAHO KWIWE KUZOMUBERA IGITSITAZA"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.