Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Patrick Karegeya azoshingurwa muri Afrika y’epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Patrick Karegeya azoshingurwa muri Afrika y’epfo

Patrick Karegeya azoshingurwa muri Afrika y’epfo

lundi 6 Nzero 2014

Mu gisagara ca Johannesburg, umugambwe CNR (Congrès National Rwandais) watangujwe na Patrick Karegeya warunamiye, wongera urasezera uwo muhisi ku munsi w’ejo kuw’Imana. Muri ivyo birori, haciye hafatwa ingingo y’uko Patrick Karegeya azoshingurwa mu gihugu ca Afrika y’epfo.

JPEG - 11.9 ko
Colonel Patrick Karegeya

Nk’uko vyamenyeshejwe na Général Kayumba Nyamwasa, umwe mubariko bategura amaziko ya Patrick Karegeya, iciyumviro co gutahukana ikiziga ca Patrick Karegeya mu gihugu ca Ouganda aho asanzwe yaravukiye n’umuryango wiwe usanzwe uba, baragihinduye, bafata ingingo yo kumushingura mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Imbere y’uko bamenyesha umunsi w’amaziko, abariko bategura ibirori vyo gushingura Patrick Karegeya barindiriye ko umupfasoni wiwe n’abana batatu bashika mu gihugu ca Afrika y’epfo, mukamenya ko abahungu biwe babiri n’umupfasoni wiwe basanzwe baba mu gihugu ca Afrika y’epfo, umukobwa wiwe nawe akaba aba mu gihugu ca Canada.

Franck Ntwari, umukuru w’umugambwe CNR (Congrès National Rwandais) yahamagariye amakungu gukora ibishoboka vyose, kugira ahagarike ubwo bwicanyi buguma bukorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Tubibutse ko Colonel Patrick Karegeya yahoze arongoye kuva mu mwaka w’1994, gushika mu mwaka w’2004 igendereza ryo hanze y’igihugu c’Urwanda yatowe ikiziga mu cumba co kw’ihoteri Michelangelo Towers, iri muri karitiye ya Sandton, mu gisagara ca Johannesburg, kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Umuhisi Karegeya Patrick ko atajanwa gufubwa muri Uganda iyo yavukiye, ngira ngo n’uko abategetsi b’uwo Mugambwe CNR(Congrès National Rwandais) kimwe na Nyamwasa batizigiye Yoweri Museveni Kaguta kubera ari pfampfe wa General Paul Kagame w’u Rwanda. Usangwa ari koko Kagame yagandagurishije uyo Karegeya Patrick, bihakwa kugira ingaruka mbi kuri leta y’u Rwanda. Ari co gituma Nkurunziza ntomusaba canke ntegere umuntu yomuhanura kugira ubucuti/ imigenderanir’ikomeye na Kagame. Bibaye ukundi, ni hamwe tuzoja twumva hapfuye telle haute personnalite/general ou colonel. Arico gituma aha hantu abarundi dukwiye kuhitondera. Nta cizere ku muntu anuganurwa canke avurwa ko ubwicanyi n’ayandi mabi y’agahomerabunwa. Par ailleurs, "l’habitude engendre le mepris". N’iyo EAC, ni ukuraba ko itahengamiye kuri ca c’iyumviro ca creation ya empire hima.

  • Coldman’zi, uzorabe neza ko udafise ingwara y’ubwihebe n’amaganya. Iyo empire Hima yatumye ugona uri maso nka Samusure, niyaba ari nayo, izoba icese k’umutaga, Inka zishotse. Wewe uracari kure nk’ukwezi mu kwishiramwo Kagame. Uzorye bike uryame kare, ibitakuraba urabe k’uruhande. Ubwo wewe wiyumvira ko ur’Umurundi w’itsitso urusha abandi bose gukunda u Burundi ? Sigaho ntiwimaramaze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.