Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paul Walker ntakiriho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Paul Walker ntakiriho

Paul Walker ntakiriho

lundi 2 Kigarama 2013

Umukinyi w’amareresi, Paul Walker yitavye Imana azize impanuka ikomeye y’imodoka. Ivyo vyabereye ahitwa Santa Clarita mu Bumanuko bw’igisagara ca Los Angeles.

Paul Walker, yari yagiye mu gikorwa co kwegeranya imfashanyo zogufasha abacitse kw’icumu mu gihugu ca Philipines, kiriko gikorwa n’umugiraneza M. Walker, n’ishirahamwe “Reach Out Worldwide” mu majambo y’icongereza. Nk’uko umwe mu bagenzi biwe abivuga, Paul Walker yari mu muduga w’ubwoko bwa Porsche kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Munyonyo, uriko unyongwa na mugenzi we Roger Rodas. Ubwo bwoko bw’imodoka bukoreshwa mu mahiganwa. Bariko bagenda mu muvuduko urenze cane, imodoka barimwo ica igongana n’iyindi, maze irasha icika umunyota, abari muriyo baratokombera.

Urupfu rwa Paul Walker rwemejwe n’abavugizi biwe. Ibiro bijejwe umutekano vy’i Los Angeles bitangaza ko babonye imodoka Porsche GT 2005 iri mw’ibara ritukura, iriki yaka urubeya igihe bashika ahabereye ivyo vumwe. Ivyo biro bibandanya bimenyesha ko amatohoza agiye kubanya, kugira bamenye umuvuduko uwo muduga wariko ugendamwo, imbere y’uko Rodas na Paul bawuhiramwo.

Paul Walker yavukiye i Glendale mu ntara ya Californie mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Apfuye afise imyaka 40, asize umukobwa w’imyaka 15 yitwa Meadow Walker. Muri iyi minsi yari mu karuhuko, kuko yariko ategura ireresi igira incuro indwi(7) yitwa Rapides et dangereux. Yarazwi cane mw’ireresi “Fast & Furious”.

Abakunzi biwe bo mu mihingo itandukanye y’isi baguma barungikira ubutumwa bwo guhoza umuryango wiwe. Akarorero, ni Van Diesel aho yanditse ati: ”Muvukanyi wanje, unsize jenyene, numva ata n’ijambo nokura mu kanwa”.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.