Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pekin 2015: Usain Bolt yatahukanye umudari w’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pekin 2015: Usain Bolt yatahukanye umudari w’inzahabu

Pekin 2015: Usain Bolt yatahukanye umudari w’inzahabu

lundi 24 Myandagaro 2015

Usain Bolt umunonotsi ava mu gihugu ca Jamaica yatahukanye umudari w’inzahabu mu kwiruka imetero 100 ,mu mahiganwa ariko abera mu gisagara ca Pekin mu gihugu c’Ubushinwa,asize umunyamerika Justin Gatlin yahabwa amahirwe.

Usain Bolt yirutse imetero ijana mu masegonda icenda n’ivy’ijana 79.Gushika ku metero 80 umunyamerika Justin Gatlin niwe yaza imbere,ariko bahejeje kwiruka Usain Bolt ariwe ari mu kibanza ca mbere.

Ahejeje gutsindira uwo mudari yavuze ko yakoze igikorwa kigoye kuko Justin Gatlin yari imbere yiwe yirutse neza mu mwaka wose ari naco catumye n’umumenyereza wiwe bakora cane kugira batahukane uwo mudari.

Usain Bolt yavuze ko kugira atsinde yari abizi ko ategerezwa kwiruka cane,kandi ko abinezererewe kuko yaciye mu bihe vy’imvune n’ibindi bigoye mu gihe co kwitegurira iryi higanwa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.