IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Perezida wa Amerika Barack Obama yagenye Abayobozi Bashasha

Perezida wa Amerika Barack Obama yagenye Abayobozi Bashasha

mardi 8 Nzero 2013

Ejo ku musi wa mbere, perezida Obama, yagenye Chuck Hagel, yahoze ari umu Senateur w’Umu Republika, ava mu ntara ya Nebraska, kuba umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, hamwe n’umuhanuzi wiwe, ku vyerekeye kurwanya iterabwoba, John Brennan, kuyobora ibiro bijejwe iperereza, C-I-A.

Perezida Obama, yavuze ko Hagel ari umuyobozi, inteko za Amerika zikwirikiye. Yongeye kandi avuga kw’igenwa rya Hagel, vyerekana umuco w’ukudashira imbere, ivyiyumviro vya politike, abantu bakeneye kurushiriza, I Washington
.
Perezida Obama, yarahayagije Brennan, kuba yarayoboye akigoro k’ukugwanya umurwi al-Qaida, mu gihe yagumye yiyemeje, ku mico iranga Abanyamerika.

Bose Hagel ,na Brennan bategerezwa kwemezwa, n’ishami ry’inama nshingamateka rya Senat, aho abashingamateka baza bariko baravyura ibibazo, kuri abo bantu babiri.

Igihe perezida ,Obama, yariko atangaza igenwa rya Chuck Hagel na John Brennan, baragerageje guhumuriza abantu, ku mpungene bashobora kuba bafise, ku vyerekeye igenwa ryabo.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.