Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Buyoya arashima intambwe igihugu ca Mali kigezeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Petero Buyoya arashima intambwe igihugu ca Mali kigezeko

Petero Buyoya arashima intambwe igihugu ca Mali kigezeko

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Igihugu ca Mali kiriko kirava mu ngorane z’umutekano muke uharangwa nk’uko bishikirizwa na Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba ari intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika muri Sahel.

Petero Buyoya amenyesha ko habonetse ibintu bigaragara ko ico gihugu ca Mali kiriko kiratera intambwe iboneka mu mugambi wo kugarukana amahoro. Aho akaba avuga ko muri aya mezi cumi n’abiri gusa, Uburaruko bwa Mali bwasubiranye amahoro, haranategurwa amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’izindi nzego, eka ndetse akavuga ko habaye n’inama ihuza abafasha ico gihugu hamwe n’ikiyago ku bijanye n’amasezerano vyabereye i Ouagadougou.

Tukabamenyesha ko igihugu ca Algerie kija caramaze gutangura ibiganiro na Reta ya Mali kugira Algerie ishobore gufasha mu mugambi wo kugarukana amahoro na cane cane mu kurabira hamwe uko imirwi y’abitwaje ibirwanisho muri ico gihugu ca Mali yohagarika kurwana. Aho havugwa ubwoko bubiri bw’imirwi irwana. Umurwi wa mbere ukaba ari uw’inkozi z’ikibi z’iterabwoba, hakaba n’uwundi murwi w’abitwaje ibirwanisho.

Muri iki gihe, Petero Buyoya akavuga ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira imirwi yose yitwaje ibirwanisho isubize inkota mu rwubati, maze bitabe ibiganiro vyo gusubiza igihugu cabo mu mahoro n’umutekano.

Kuri ivyo, akaba amenyesha ko mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika bashigikiye ibiganiro hagati y’abatumvikana bose muri ico gihugu, ndetse ivyashitsweko i Ouagadougou bikubahirizwa n’impande zose.

Messages

  • Iyi nkuru ya Nizigire Aristide ijanye n’imirimo ya Major Pierre Buyoya muri Sahel, ihuriranye n’ikurwa rya Bernard Busokoza(ami de Buyoya) mu mabanga y’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu c’u Burundi. Ego Nizigire, ntawutipfuza amahoro mu gihugu camwibarutse. Nkizigira ko na we ari uko ku gihugu cacu c’u Burundi.

  • Uumubiligi, yabiteye akajisho asanga ABATUTSI aribo bazi kuyobora ibihugu none PETERO NKURUNZIZA arerekanyeko ABAHUTU bazapfa batamenye gutwara. DONC LES BELGES AVAIENT RAISON.

  • KARIKUBUBU WEWE URIMWO AMACAKUBIRI URINTUMWA.YASATANI UTSIDWE,MWIZINA,GYA YESU UZOJEMUBUBIRIGI UHEREYO

  • @Ndakubabariye aho umbabarira nagusavye ikigongwe? canke nakoze iki? harya ngo ntimushaka kumva ukuri??? urambabaje gusa. Abatutsi b’iburundi nibigwaneko kuko DD iringaho iraza kubafuta kuri carte politique

  • Amakuru yizewe neza aremezako Major BUSOKOZA BERNARD yahungiye mu rugo rw’umu diplomate ava mu gihugu ca kure(ntitumuvuga kubera imvo z’umutekano) akaba ariho ariko arategurira urugendo rwo guhunga DD, Uwaduhaye aya makuru akomeza avugako Karoli Nditije acunzwe bikomeye n’abasoda biyoberanije ariko barinda Embassy ya USA hano i bujumbura nawe akaba ari mu rugo rwa 1st Secretary of US embassy to burundi. Abahagarariye ibihugu byabo mu burundi bahangayikishijwe bikomeye n’akaduruvayo kariko gaterwa n’umugambwe uri kubutegetsi biboneka ko wananiwe kurongora igihugu mu ntwaro ibereye

  • Mwizina rya Yesu amapepu nimiyaga ya Satani birimuri Karikurubu yamacakubiri amuvemwo tsindwa Satani tsindwa tsindwa Satani in the name Jesus Yesu Christ. Amen.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.