Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Buyoya: Mali yaraye ishitse ku ntambwe ishimishije y’amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Petero Buyoya: Mali yaraye ishitse ku ntambwe ishimishije y’amahoro

Petero Buyoya: Mali yaraye ishitse ku ntambwe ishimishije y’amahoro

mercredi 19 Ruheshi 2013

Imisi cumi n’umwe yari iheze abategetsi ba Mali n’abaserukira abarwanyi b’i Kidal bari mu biganiro vyategerezwa kubashikana ku mwumvikano utegura amatora y’umukuru w’igihugu azoba ku genekerezo rya 28 Mukakaro i Kidal. Inyuma y’iyo misi cumi n’umwe, ivyo biganiro vyavyaye amasezerano yateweko umukono ku musi w’ejo igenekerezo rya 18 Ruheshi n’impande zose, babifashijwemwo n’abahuza bo mu gihugu ca Burkina Fasso n’amakungu asanzwe abikurikiranira hafi.

Major Pierre Buyoya, umukuru wa MISMA (Mission internationale de Soutien au Mali) ni umwe mu bari bahagarariye ivyo biganiro, akaba ari no mubafashije gutegura ayo masezerano yaraye ateweko umukono. Inyuma y’ivyo biganiro, yaraganiriye n’abamenyeshamakuru ba RFI.

RFI : Ayo masezerano yaraye ateweko igikumu hagati y’abategetsi ba Mali n’abarwanyi b’aba touaregs b’i Kidal yoba ari ngirakamaro?

Pierre Buyoya : Nibaza ko ayo masezerano azogira akamaro cane kuko yubahiriza ubumwe n’ubwiyunge vy’abanyagihugu. Ni amasezerano azofasha gutegura no gutunganya amatora, ari nayo azofasha kuva mu ndyane. Eka noneho ni amasezerano ngirakamaro kuko abanyagihugu bo mu buraruko bafise ingorane zimaze imyaka myinshi bazoronka akaryo ko kuzishira ahabona. Ku bwanje rero, ayo masezerano aje hageze.

Mwotubwira neza na neza ico ayo masezerano yaraye ateweko umukono ategekanya ? Abasirikare ba Mali boba bazoja i Kidal ?

Hari ingingo ntabanduka zibiri twagerageje kwishura. Iya mbere n’uko abasirikare ba Mali basubira gukorera i Kidal kubera ako ari akarere kegukira igihugu ca Mali. Iya kabiri n’uko abo basirikare bagiye gusubira gukorera i Kidal batotuma umutekano uhungabana canke ngo habe ugutana mu mitwe hagati y’abahora ari abarwanyi n’abo basirikare, canke ngo umutekano w’abanyagihugu uhungabane.

Ayo niyo makenga twashoboye gutorera inyishu, ari nayo mbere impande zose zari zamye zihurizako. Abahinga bo ku mpande zitatu ( Leta, MNLA na HCUA) bazohurira hamwe mu murwi w’umutekano uzoba ujejwe gutegura ingene abasirikare bazosubira i Kidal itoba intanduruko y’umutekano usubira guhungabana.

Iyindi ngingo y’ayo masezerano ni ugusubiza mu buzima busanzwe abahora ari abarwanyi b’aba touaregs. Leta ya Bamako yoba yiteguriye kwaka ibirwanisho abo bahora barwana ?

JPEG - 17.4 ko
Major Petero Buyoya, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru

Umurwi w’umutekano niwo uzokwumvikana ku bibanza abo bahora barwana bokwegeranirizwamwo mu kurindira igikorwa co kubaka ibirwanisho kizokurikira. Ivyo ni ibikorwa bizoshikwako buke buke ariko bizotangura uwo murwi w’umutekano uhurikiyemwo bose niwaheza kwumvikana ku nteguro y’ivyokorwa.

Mukiri mu biganiro, Leta ya Mali yagumye yiyerekana nk’iyiriko ikwega ibirenge gushika ku musi wa nyuma w’ejo aho amasezerano yaterwako umukono. Bamako yoba yagize ikihe kibazo?

Ibiganiro vyose bifise intumbero ya politike nka birya vyama bizana ukutumvikana. Kenshi ama Leta aba asa n’ayagifise utungonongono, ntibitangaje rero na Mali yerekanye ko hari ivyo batatahura mu ntango, mu nteguro y’ayo masezerano.

Mwumva mwobwira iki abategetsi ba Bamako basa n’abatomokewe muri rusangi kuri ayo masezerano hagati y’imirwi yahora irwana nka MNLA, HCUA ?

Ico numwa nobwira abategetsi ba Bamako n’uko amasezerano yaraye ateweko umukono i Ouagadougou ari amasezerano ngirakamaro kuri bose kandi yubahiriza inyungu z’igihugu n’iz’abanyagihugu bo muri Mali. Ku bwanje mbona ko ari intwambwe nshingiro izoshikana igihugu ca Mali ku mahoro n’ugusubiza hamwe.

Nivyo birumvikana ko gutera umukono ku masezerano ari kimwe, gushira mu ngiro ibiri muri ayo masezerano kikaba ikindi. Nibaza ko ubu ariho abagenzi ba Mali bari bakwiye guhaguruka bagatera intege abanyagihugu ba Mali, bakabipfuriza gutera baja imbere muri ayo masezerano yaraye ateweko umukono.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nukuri turagukeje eka N’IMANA nikuje imbere utubere akarorero keza ubu abana ntibiga haraho LETA yacu yubu yoteba ikikubita agashi bakagira ibiganiro kuko inguvu ntizitora inyishu abavyeyi, abarundi bose ubu ntanumwe abana iyo bizoherera.

  • Nyakwubahwa Buyoya,rekananje ndagushimir,kandindagutume kuri retayuburundi ko otoziratwibuka mumatoragusa munyuma ikatwakijambo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.