Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Buyoya yizera ko imirwi irwana muri Mali buca itera umukono ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Petero Buyoya yizera ko imirwi irwana muri Mali buca itera umukono ku (...)

Petero Buyoya yizera ko imirwi irwana muri Mali buca itera umukono ku masezerano

mercredi 4 Ntwarante 2015

Petero Buyoya avuga ko hamwe abarabana ayingwe bose botera umukono ku masezerano y’amahoro, abanyagihugu bose bo muri Mali boba bungutse.

Umukenguzamateka Petero Buyoya asanzwe aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu karere kose ka Sahel akaba yabivuze mu gihe mu mpera z’uku kwezi kwa Ntwarante, ariho bitegekanijwe ko haba amasezerano yo gutera umukono ku masezerano y’amahoro, hagati ya Reta ya Mali n’imirwi yose yitwaje ibirwanisho irwanya Reta. Ariko rero, kuri uyu wa mbere Ntwarante, imihari ihurikiye mu runani Azawad ikaba yaranse gutera umukono ku nteguro y’amasezerano y’amahoro.

Ku bw’umuhuza muri ivyo biganiro Petero Buyoya, asaba abanyagihugu bose gutahura akamaro k’ivyo biganiro. Asaba abanyagihugu ba Mali, kumenya ko ayo masezerano ari ngirakamaro kuri bo, yaba mu ntwaro na poritike, mu gisata c’Ubutungane, umutekano, iterambere n’ugusubiza hamwe. Mu majambo make, Petero Buyoya akavuga ko ayo masezerano ari ngirakamaro ku banyagihugu bo mu Buraruko bwa Mali, mu kuzotsimbataza amahoro mu gihugu cose.

Uwo mukenguzamakteka yahoze arongoye Uburundi, akizera ko ayo masezerano imirwi yose izoyaterako umukono, ko kugeza ubu, acizera ko abaserukira imirwi irwana mu Buraruko, bose bazoza gutera umukono kuri ayo masezerano, ko nabo nyene bakeneye amahoro. Akamenyesha ko hamwe naho bogaragaza ko badashaka amahoro, bazoba bikuye ku makungu yariko arafasha kugira amahoro agaruke muri ako karere.


Aristide Nizigire

Messages

  • - kuja kugarukana amahoro hanze nivyiza
    - ariko none ko tuzi neza ko P.BUYOYA yagize uruhara mumasezerano ya ARUSHA ni kuki tutumva akajambo kiwe nakamwe kandi abona ko UBURUNDI bubangamiwe , bugeze aho umwansi ashaka ?
    - Ni kuki atahanura Peter NKURUNZIZA kuvyo bariko bategura bibi kugihugu nakagwi kiwe kagizwe nabasuma nabicanyi bo muri cndd fdd
    - ni kuki atohanura amazi atararenga inkombe,
    - canke arindiriye kuza kuvuga abantu bamaze gutikira , induru zamaze kuvuga
    - LE SILENCE DE P.BUYOYA NOUS INQUIETE BEAUCOUP
    - Mbere yavuze ngo hari quatre ethnie mu Burundi, les hutu, les twa, les tutsi et la COMMUNAUTE INTERNATIONALE
    - COMMUNAUTE INTERNATIONALE NOYITA LE MEDECIN DU CADAVRE kuko barindira ko amaraso aseseka hanyuma bakaza kuvura abantu bapfuye
    EX;: LE GENOCIDE AU RWANDA YABA IYO COMMUNAUTE INTERNATIONALE BARI AHO BARORERA, none mu Burundi nico turindiriye, ababishoboye vira hasi rimwe twanke kuba abaja ba P.NKURUNZIZA kandi ata maraso arinze guseseka, IL YA DES SOLUTIONS ET DES STRATEGIES

  • Komera Buyoya Petero, Uzurababwirako nawewe igihugu cawe cahisemwo kugiriranira amasezerano nabaribahisemwo kuryanaryana atimunyu yokuyasinya twungutse vyishi atanamakungu turahavunguriraho, abantu bitwaba amazina ya Petero amazinayabo ari special mugukora ibitangaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.