Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Buyoya yoba ariwe agire ahabwe uburongozi bwa MISCA muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Petero Buyoya yoba ariwe agire ahabwe uburongozi bwa MISCA muri (...)

Petero Buyoya yoba ariwe agire ahabwe uburongozi bwa MISCA muri Centrafrique

vendredi 15 Munyonyo 2013

Amakuru dukesha ikinyamakuru "Jeune Afrique" amenyesha ko uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Buyoya yoba agira ahabwe uburongozi bwa MISCA (Mission Internationale de Soutien à la Centrafrique) mu gihugu ca Centrafrika.

Petero Buyoya asanzwe aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bw’afrika muri Mali hamwe no muri Sahel yoba ariwe agiye kurongora MISCA, nk’intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’afrika muri Centrafrika. Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi bakamushima kuko bamufata nk’umuhuza w’ijunja n’ijambo kandi akaba asanzwe amenyereye ico gihugu.

JPEG - 35.5 ko
Petero Buyoya

Mu mwaka w’2008, ni nawe yari arongoye ibiganiro ku banyeporitike, bihurikiyemwo bose, hanyuma mu mwaka w’2010 n’uw’2012, yari arongoye urwego rujejwe gusuzuma, aho akaba yakorera ishirahamwe mpuzamakungu ry’abavuga ururimi rw’igifaransa (Organisation internationel de la francophonie : OIF)

Mu gihe rero yoramuka atowe, akazoba ajejwe igisata ca poritike c’urwo rwego. Uwurongoye ingabo nawe akazoba ari umu Général w’umunyacameroune yitwa Tumenta Chomu Martin.

Urwego MISCA rwashinzwe mu kwezi kwa Myandagaro, rukazosubirira kuwa 19 Kigarama urwego FOMAC (Force Multinationale de l’Afrique Centrale)


Floxella Karire

Messages

  • niyirambire n`umugabo abushitse kuko agitwara uburundi ntansaku zaharanngwa n`ibiciro vy`ibiribwa bwari kuri make eka n`igitoro cari kuri make,n`intwari.

  • Je lui souhaite plein succès dans toutes les fonctions qu’il va occuper. Ndamwemera kabisa, aho tugeze uwomudusubiza ngira tworuhuka.

  • None mwibaza kwatahari? Yombamushaka kumutuka? Murashoborakwibazako Uburundi kobushobora kumera nkigihe bwaribufise ababubamwo badashika million 4 mbemwiyibakije ko uyumusi abarundi barihafi ya million 9 ? Ariko ndamukeje kukuntu akomeje kwandikisha uburundi mumakungu mubikorwavyiza arikwarakora.

  • Ngo agitwara ntansaku zaharangwa? Egonivyo ariko wibukeko kiriyagihe abarundi batashika million 4 arikuyumusi turegereje million 9 kandikiriyagihe imigambwe yarimparurwa sinzikoyashika nibiri arikuyumusi irarenga 40 ama radio yasamirana iburundi sinzi koyashika abiri arikuyumusi arihafi 10 abanyagihugu batunga ama telephone bari 0% arikuyumusi ndibaza ntihabuze 2% nibindi muvukanyi icowomenya nuko u Burundi utotegereza kobuzosubira kumera nkigihe nyakubahwa Buyoya yari president niyaba ivyobintu navuze ahoharuguru vyose bivuyeho vyokunda ariko bikiriho nukureka kwibabariza ubusa ngo icodusubisa karahaheze ukwamajambere aza nikw’Isi irushirizaho kumeramenyo! mwihangane.

  • buyoya ntaruhare yabo yaragize mubwicanyi??? bwiburundi1972,1993, butavugwa

  • buyoya ntaruhare yabo yaragize mubwicanyi??? bwiburundi1972,1993, butavugwa

  • Sha Kirinyota nyene ndabona inyota iri mukukwegura. Ariko ico mbona co iyo nyota ufise ntiri hafi guhera. Kuko yaba Coup d’Etat igishoboka niho inyota yawe yoronse ikiyigabanya. cluade ngendabanyikwa wewe ngira yavutse inyuma ya 1998 aho igihugu cafatiwra ibihano bitumwe namakosha y’uwo ashimagiza. Jewe nibuka ufise 900 FBU muri za 1986-88...waragura umwambaro wa Kaki ukaja kwishure usa neza.... Primus 120 FBU, Amstel ngufi 75 FBU.... Ariko urabaza neza aho uwo yaviriye kubutegetsi aho vyari bigeze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.