IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

Petero Karaveri Mbonimpa yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

lundi 19 Rusama 2014

Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, akurikiranwako icaha c’uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu, hamwe n’ukwerekana ivyemezo bitarivyo ku makuru yari yashize ahabona y’urwaruka rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare mu karere ka Kiliba Ondes.

Mu masanamu Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH yerekanye y’urwaruka rw’abarundi yavuga ko rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, habonetsemwo imwe y’ibiziga vya bamwe muri urwo rwaruka, Petero Kaveri Mbonimpa akagirizwa ko yakoresheje iyo sanamu y’abantu atari abarundi, mbere bikavugwa ko iyo sanamu yoba yari yarakoreshejwe kuva n’imbere y’uko ivy’urwo rwaruka bitangura kuvugwa.

JPEG - 171.4 ko
Isanamu yazanye impari, ikwegera Petero Karaveri Mbonimpa gutabwa muri yompi

Petero Karaveri Mbonimpa yari afise umutahe wo gusubira kwitaba ubutungane kuri uwu wa mbere, ariko akaba yafashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa kane, isaha zitandatu n’iminota mirongo itatu ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bikavugwa ko yari agiye mu rugendo rw’akazi i Nairobi. Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu giporisi kw’i Jabe, bukeye ku munsi wa gatatu. Ahejeje kwumvirizwa, haciye hafatwa ingingo yo kumwungururiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuva ku mugoroba wo kuri uwo munsi wa gatanu igenekerezo rya 16 Rusama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • It’s exactly bad gouvernance and dectatureshid regning on Burundi!!No right of expression in there!!It’s really ashamed for selfnamed Pastor the Faraon Nkurunziza Peter!!Mutaza mubesha abantu muhebe kimwe muhitemwo ikindi kuko ata wusaba abami babiri!!

  • None mushaka bamurekure kandi yaratubeshe akaza kutwereka amafoto ya M23 yakuye kuri internet. Ni mutekereze mureke kudendemba sha!!!

  • nibabohe iyo ntagondwa kuko yabeshye abarundi namakungu. amasanamu ya M23 NTAYO ABARUNDI DUKENEYE;;;;:::

  • MBONIMPA wagira ngo hari icyo apfana na KAGAME ndabona babeshya kimwe. agiye i RWANDA bamuha akazi;;;;; gutekinika . heureusement ko abarundi bamutahuye ......ayo masanamu nayoherereze KAGAME kuko ariwe wicishize abo bana babatutsi bo muri CONGO. Niba ari umunyakuri atange ikirego muri sentare yitwarire KAGAME kuko ariwe wamarishije abo basore.

  • ARAHOMVYE MURUDANDANNZWA RWIWE KO ACIYE APFUNGWA BATARAMWISHURA HIHIHIIIIII, NTAKUNDI NTAKAZI KATAGIRA UBUHOMBE. URUDANDAZWA RWIBIZIGA BRAVO FILIPO IRYAVUZWE RIRATASHE.

  • AHUBWO BAGIZAMAKOSA IYO BAMUCISHA HAMWE BABANZA GUCISHA KADEGE HAMWE NAHO BOMUREKURA ATOCUTSA UMUTIMA WO KUGUMA NGAHA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.