Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Nkurunziza yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Petero Nkurunziza yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka (...)

Petero Nkurunziza yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka w’2013

mardi 28 Nzero 2014

Umwaka w’inkino w’2013 warereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu murwi Hallelua FC w’umupira w’amaguru asanzwe akinamwo. Petero Nkurunziza, umukinyi w’umusatirizi akina imbere yambaye inomero icenda niwe yatahukanye ikibanza c’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, kandi yerekanye inkino nziza kurusha abandi bose mu mwaka w’2013.

Ku myaka y’amavuka irenga mirongo itanu, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yareretse abandi bakinana mu murwi Hallelua FC ko ubusaza atagira namba. Mu nkino 28 zabereye mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi, umukinyi w’imbere Petero Nkurunziza yashoboye kwinjiza wenyene ibitsindo 39, ari navyo vyamuhaye ikibanza ca mbere c’abafise ibitsindo vyinshi mu mwaka w’2013. Ntivyahereye ngaho, kuko yarongeye atorwa kuba ariwe mukinyi yerekana urukino rwiza, mu buhinga no mu tundi tugenegene turyohera ijisho mu kibuga.

Abantu bazi Petero Nkurunziza kuva akiri umunyeshure mu mashure yisumbuye, bamenyesha ko yamye akunda inkino, akaba yari n’umukinyi w’igihangange mu mupira w’amaguru. Amaze guheza amashure ya kaminuza, yaramenyereje umurwi w’umupira w’amaguru "Union Sporting", imbere y’uko ahunga igihugu akinjira ishamba. Amaze kugaruka, yaciye yegeranya abo bahora bakinana, baca bashinga umurwi "HALLELUA FC", ugizwe n’abakukuruke bakunda umupira w’amaguru, yongera atanguza mu mwaka w’2004, ishure ry’umupira w’amaguru "Le Message".


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.