Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Philippines: Megan Young yakiranywe icubahiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Philippines: Megan Young yakiranywe icubahiro

Philippines: Megan Young yakiranywe icubahiro

vendredi 11 Gitugutu 2013

Megan Young, ni we yatowe kwari umukobwa mwiza wa mbere kw’isi yose mu mwaka w’ 2013 ‘’miss monde 2013’’. Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2013 niho yakiriwe mu muryango wiwe, mu gihugu ca Philippines ari naco yari aserukiye muri ayo mahiganwa.

Megan Young yakiriwe mu gihugu ciwe, ukaba wari umunezero ukomeye cane kuko uwo mukobwa yateye iteka igihugu ciwe kuko mu bakobwa bangana 120 bahiganirwa ico kibanza, uwo munya Philippine niwe yahavuye atorwa kurusha abandi kubera ubwiza, ubwenge no kubana neza na bagenzi biwe yarushije abandi bose.

Ibirori vyo gutora Miss World 2013 vyabaye kw’iitariki ya 28 Nzero 2013 muri Indonesia vyari bikomeye cane kuko hari imyiyerekano y’abasilamu b’abahezanguni barwanya amatora ya miss w’isi, kubera ko abakobwa bitoza baba bambaye impuzu ziteye isoni.

Ku ncuro ya 63 isi itora umukobwa mwiza kuruta abandi, uyo mukobwa Megan Young ni we yatahanye ico kibanza c’umwigeme mwiza kw’isi yose akaba yasubiriye Wenxia Yu wo mu Bushinwa. Amabarabara y’i Manila muri Philippines abantu bari bayuzuye, baje kuraba uwo mukobwa wabo yatsinze ibihugu vyose kubera ubwiza bwiwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.