Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Philippines yasavye imfashanyo amakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippines yasavye imfashanyo amakungu

Philippines yasavye imfashanyo amakungu

lundi 11 Munyonyo 2013

Abasize ubuzima bwabo mu mpanuka y’igihuhusi iheruka kuba mu gihugu ca Philippines gushika ubu baharurwa mu bihumbi. Bamwe muribo bariko bahambwa mu binogo rusangi.

Abasirikare ba Philippines bariko bakoresha indege mu gutwara imirwi ijejwe gutabara n’ibindi vyankenerwa vyihuta mu turere twasinzikaye kurusha ahandi muri ico gihugu.
N’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika caratanze za kajugujugu ziriko zirakoreshwa muri ivyo bikorwa.

Imfashanyo zirabandanya gutangwa n’ibisata bitandukanye. Ishirahamwe rya Buraya ryatanze imiliyoni zine z’ama dorare y’abanyamerika y’imfashanyo yihuta.

Umukuru w’igihugu Beningo Aquino yagendeye igisagara ca Tacloban, ari naco casinzikaye kurusha ahandi. Muri urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu Beningo Aquino, yamenyesheje ko mu bikorwa biri imbere, icihutirwa ari ukugarura umuyagankuba hamwe n’uburyo bwo gutumatumanako amakuru.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.