Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pologne : Abantu 17 nibo bahitanywe n’imbeho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pologne : Abantu 17 nibo bahitanywe n’imbeho

Pologne : Abantu 17 nibo bahitanywe n’imbeho

lundi 27 Nzero 2014

Abantu 17 nibo bitavye Imana mu gihugu ca Pologne mu mpera z’indwi irangiye bivuye ku mbeho nyinshi.
Amakuru dukura ku kinyamakuru 7sur7 atumenyesha ko mu gihugu ca Pologne imbeho igisibije, aho iguma ihitana abantu. Mu masaha 48 aheze, abantu 18 nibo bapfuye bishwe n’imbeho nyinshi, hamwe n’abandi 26 bishwe n’imbeho mu minsi ine iheze, nk’uko vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru AFP.

Kuva rero mu kwezi kwa Munyonyo 2013, abantu 52 bakaba aribo bamaze gutakaza ubuzima kubera imbeho.
Iyo mbeho rero irengeje (hiver,) ikaba imaze iminsi itanu, muri ico gihugu ca Pologne hakarangwa ugukanya guteye ubwoba. Akarere karangwamwo imbeho nyinshi ni ahitwa Wlodawa aho bashitse ku bipimo -22 degré celcius, hamwe na -24 degré celsius mw’ijoro ryo ku wa gatandatu.

Mu gihe c’imbeho idasanzwe(hiver) giheruka mu mwaka uheze, abantu 500 nibo bitavye Imana mu gihugu kirimwo imiriyoni 38 z’abantu. Abenshi rero muri abo ugasanga ari abantu batagira aho bakika umusaya.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.