Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama arashigikiye ko Israeli yikingira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama arashigikiye ko Israeli yikingira

Barack Obama arashigikiye ko Israeli yikingira

dimanche 5 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama avuga ko igihugu ca Israeli gifise uburenganzira bwo kwikingira ibirwanisho.

Ibirwanisho Barack Obama yariko aravuga ni ibishobora kurungikirwa imirwi ikora ibitero vy’iterabwoba, irimwo umurwi Hezbollah.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu Barack Obama yatanze ku mboneshakure itangaza amakuru mu rurimi rw’ikispagnole, "Telemundo", ntiyatomoye ngo avuge ku makuru y’ibitero vy’indege vy’igihugu ca Israeli kuri missile z’igihugu ca Syria ko zari kurungikirwa umuhari Hezbollah. Yavuze ko akwiye kureka igihugu ca Israeli, akaba arico cemeza canke gihakana ayo makuru.

Amakuru yavuye mu gihugu ca Israeli, yatangajwe n’abategetsi batashatse kw’amazina yabo amenyekana, avuga ko igihugu ca Israeli carashe ku birwanisho vya missile vyari vyagenewe umurwi Hezbollah ufise icicaro mu gihugu ca Libani, ku musi wa kane ku mugoroba.

Abo bategetsi bavuga kw’ivyo bitero vy’indege vyarashwe ku ruzu rushinguwemwo izo missile zari kurungikirwa uyo murwi.

Nta kintu na kimwe cerekana ko indege z’igihugu ca Israeli zinjiye mu kirere co mu gihugu ca Israeli.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.