Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prezida Barack Obama yashize umukono kw’ itegeko ryo kugabanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Prezida Barack Obama yashize umukono kw’ itegeko ryo kugabanya (...)

Prezida Barack Obama yashize umukono kw’ itegeko ryo kugabanya inkoho

vendredi 18 Nzero 2013

Prezida Barack Obama yahagurukiye ikibazo c’ubwicanyi bukoreshwa inkoho mu gushiraho itegeko rizotuma mbere hanavyuka impari hagati y’ibiro vya Prezida wa Amerika hamwe n’amashirahamwe ashigikiye gutunga inkoho.

Barack Obama yasavye inama nshingamateka kwemeza integuro nyinshi z’amategeko ku kibazo c’inkoho zitunzwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika ngo kuko kubungabunga umutekano w’abana arico gikorwa nyamukuru c’igihugu.

Obama akaba yashize umukono ku mategeko yo kugabanya isotorwa rivuye ku nkoho akikijwe n’abana bamwandikiye ari nabo bamaze iminsi bashikirwa no kwicwa n’inkoho.

Mu mategeko Obama yashizeko umukono harimwo iribuza inkoho zimeze nk’izikoreshwa mu gisirikare zikoreshwa mu ntambara,kugenzura imico n’imigenzo y’abashaka kugura inkoho no kuvira hasi ikibazo c’abagwaye indwara zo mu mutwe.

Prezida Barack Obama yashize umukono kandi ku mategeko 23 yo kuronsa ibikoresho bikwiye abapolisi n’abajejwe ivyo indwara zo mu mutwe.

Twobibutsa ko ivyo bibaye mu gihe mu kwezi kwa Kigarama kw’umwaka uheze wa 2012 abana 20 n’abandi bantu bakuze 6 barashwe bongera barapfa kw’ishuri ritoya rya Newtown muri Leta ya Connecticut.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.