Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus League 2013 : Christophe Nduwarugira na Tambwe Amissi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus League 2013 : Christophe Nduwarugira na Tambwe Amissi (...)

Primus League 2013 : Christophe Nduwarugira na Tambwe Amissi kw’isonga

lundi 30 Nyakanga 2013

Inyuma y’urukino rwa nyuma rwahuje LLB Academic na Athletico, ihiganwa ry’umupira w’amaguru, Primus League ryarasozerewe ku munsi w’ejo kuw’Imana ku ntsinzi ya Athletico y’ibitsindo bibiri ku busa. Muri ivyo birori vy’ejo, haratanzwe agashimwe ku mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi n’umukinyi yigenjeje neza muri iryo higanwa ry’umwaka w’2012-2013.

Amatora yo kurondera umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi n’uwakinye neza yabaye ku munsi wa kane igenekerezo rya 26 Nyakanga 2013, hakaba hatora abamenyeshamakuru b’inkino n’abamenyereza b’imirwi yo mu cicaro ca mbere.

Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio niwe yatahukiye ikibanza c’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa Primus League ry’umwaka w’2012-2013. Nduwarugira Christophe yatowe nk’uwakinye neza kurusha abandi bose inyuma y’aho yerekaniye ubuhinga bwinshi haba mu nkino zo mw’ihiganwa ryo mu Burundi canke mu mahiganwa mpuzamakungu. Abakunzi b’umupira w’amaguru ntibazokwibagira igitsindo Christophe Nduwarugira yatsinze umurwi Asec Mimosa wo mu gihugu ca Cote d’Ivoire.

Ico gitsindo cagira kabiri nico caciye giha intsinzi umurwi wiwe wa LLB Academic, ubona kuronka uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa rya CAF 2013. No mu rukino umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba wakinye na Kenya, Christophe Nduwarugira niwe yatsindiye Uburundi.
Ivyatumye Christophe Nduwarugira atorwa muri ico kibanza ahanini twovuga ko abikesha ubuhinga akinisha, ubukerebutsi mu kibuga, ugukorera hamwe na bagenzi we kumuranga, ukubona izamu n’ibindi.

Ku majwi mirongo indwi n’ane, Christophe Nduwarugira yarenuriye abamukurikiye mu matora yo gushira ahabona umukinyi mwiza wa Primus League 2013. Mu kibanza ca kabiri hari Ciza Hussein wa Athletico afise amajwi 30. Ikibanza ca gatatu gifise abakinyi batatu Mbilizi Christian wa Vital’o, Issa Hakizimana wa LLB Academic hamwe na Hadj wa Messager FC. Bose uko ari batatu baranganije amajwi cumi.

Ku ruhande rw’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, Tambwe Amissi niwe yatahukanye urwo rugori ku bitsindo 18. Twobamenyesha ko uwo mikinyi n’ubu aho ari mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya ariko arabica bigacika. Mu mrwi wiwe wa Simba, ntasiba kubinjiriza ibitsindo. Mu rukino bakinye ejo n’umurwi wa JKT Ruvu, yarinjije igitsindo mu rukino rwarangiye ku ntsinzi ya Simba ya bibiri ku busa bwa JKT Ruvu. Tambwe Amissi ageze ku bitsindo indwi muri iryo higanwa, akaba kandi gushika ubu ariwe afise ibitsindo vyinshi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.