Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Priscilla Gneto ariteguriye gutahukana intsinzi mu nkino z’isi za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Priscilla Gneto ariteguriye gutahukana intsinzi mu nkino z’isi za (...)

Priscilla Gneto ariteguriye gutahukana intsinzi mu nkino z’isi za Judo

samedi 24 Myandagaro 2013

Mu nkino za Judo buca zitangura, umufaransakazi Priscilla Gneto araziteguriye bimwe bihagije, ndetse avuga ko yiiteguriye gutahukana umudari w’inzahabu, mu gihe mu ziheruka z’isi yose zabereye mu gisagara ca Londres, yatahanye umudari w’umujumbu.

Uyo mwigeme w’imyaka 22 y’amavuka, afise ibiro 52 agapima imetero na sentimetero 63, avuga ariko aratwenga ko abo bazohiganirwa ico kibanza, ubu nabo nyene baticaye, ari naco gituma nawe afata umwanya ukwiriye ku munsi ku munsi kugira agire imyimenyerezo aze atahukane igikombe muri izo nkino buca zibera i Rio, kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Myanadagaro uyu mwaka. Abagize umurwi wa Judo mu gihugu c’Ubufaransa bakaba baherutse gukorana kugira barabe ico bokora k’uwuzobaserukira, imbere y’uko izo nkino zitangura mu gihe kandi Priscilla Gneto yari asanzwe afise akagorane mw’ivi. Ariko rero, Gneto arahumuriza abakunzi biwe, n’umurwi wiwe ko yiyumva ijana kw’ijana kandi ko atazobamaramaza, yiteguriye
gutahukana intsinzi.

Priscilla Gneto rero aramaze gutahukana umwe mu midali y’isi yose mu nkino za Judo. Avuga ko ubu naho yiteguriye gukora ku mudari atarakorako na rimwe, umudari w’inzahabu, muri izo nkino za Judo. Ariko naho yiyumva neza kuri izo nkino buca ziba, yaramaze igihe atitabira amahiganwa hamwe n’imyimenyerezo, mu gihe bariko baramuvura ku bitugu, aho vyabaye ngombwa ko bamukora. Kuva ico gihe yasubiye kuboneka mu mahiganwa no mu myimenyerezo mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka.
Intsinzi Priscilla Gneto yibaza, hamwe yoyishikako, avuga ko azoba ayikesheje cane cane umwumvikano uri mu murwi w’abakinyi b’abafaransa nawe asanzwe ahurikiyemwo, co kimwe n’abakukuruke nka Decosse Lucie, Gevrise Emane ku mpanuro bama bariko baramuha. Arashima umurwi wabo, akavuga ko ikibazo cose bipfuza kubaza bakibaza, kandi bakakironkera inyishu itomoye.

Twobibutsako Priscilla Gneto yavukiye mu gihugu ca Cote d’Ivoire mu gisagara ca Adidjan. Se akaba yakina mu murwi w’ico gihugu witwa Inzovu aho yakina inyuma mu myaka y’1990. Nyina nawe yari umukinyi rurangiranwa, ndetse mpuzamakungu w’urukino rwa Handball. Uyo mwigeme akabandanya avuga ko kenshi agerageza akabonana n’abavyeyi biwe baba kubirometero bitari bike, aho aja i Corse kubaramutsa, n’ukuhakura imihezagiro y’abavyeyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.