Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Poutine na Obama ntibumvikana kuri Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Poutine na Obama ntibumvikana kuri Siriya

Poutine na Obama ntibumvikana kuri Siriya

vendredi 6 Nyakanga 2013

Abakuru b’ibihugu vya Leta zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya bahuriye mu mwiherero ariko ntibumvikanye ku kibazo ca Siriya.

Putin w’Uburusiya na Obama w’Amerika bahuriye St Petersburg, mu Burusiya, mu nama ihuza abakuru b’ibuhugu bitunze biri mu muryango wa G20. Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru bahejeje inama yabo, Putin yavuze ko abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama badashigikiye igitero ca gisirikare kuri Siriya.

Putin yavuze kandi ko ico gitero kizoba kinyuranye n’amategeko mpuzamakungu.
Yavuze ko igitero c’ibirwanisho vy’uburozi mu gisagara ca Damascus cagizwe n’umutwe w’abitwaje ibirwanisho, bashakaga gutuma amakungu aza kwivanga mu ntambara yo muri ico gihugu.

Obama yavuze ko ibirwanisho vy’ubumara atari ikibazo kuri Siriya gusa ahubwo bibangamiye amahoro kw’isi. Obama yavuze kandi ko igitero gikenewe n’ubwo kitoba cemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yaheraheje avuga ko mu nama yagiranye na Putin babwiranye ivyari ku mitima yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.