Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Qusair irahagaritse umutima Croix Rouge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Qusair irahagaritse umutima Croix Rouge

Qusair irahagaritse umutima Croix Rouge

dimanche 2 Ruheshi 2013

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge urasaba ko wokwemererwa bidatevye kwinjira mu gisagara ca Qusair aho igissirikare ca Leta ya Syria Gihanganye n’abayirwanya.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bavuga ko badashobora kuva aho bari muri ico gisagara kubera indwano zikaze zihabera mu gihe imiti, ibifungurwa n’amazi bitoroshe kuronka.

Uburusiya kandi -busanzwe ari incuti ikomeye ya Leta ya Syria bwanse icegeranyo ca ONU kivuga ko itewe impungenge n’ibibera i Qusair. Umwe mu batavuga rumwe na Leta amenyesha ko ku wa gatanu abanyagihugu bagera ku bihumbi 30 bari bakiri mu mu gisagara ca Qusair kiri hafi y’urubibe rwa Libani.

Uduce tw’ico gisagara turi mu maboko y’abarwanya Leta, ubu dushinzwe ijisho n’igisoda ca Leta ndetse n’abarwanyi bo mu murwi wa Hezbollah.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.