Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
R.D ya Kongo : Abantu barenga 70 nibo bishwe urw’agashinyaguro muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > R.D ya Kongo : Abantu barenga 70 nibo bishwe urw’agashinyaguro muri (...)

R.D ya Kongo : Abantu barenga 70 nibo bishwe urw’agashinyaguro muri Nzero

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Abantu barenga 70 nibo bishwe mu Buraruko bwa Kivu yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kuva mu kwezi kwa Nzero gushika mu ntango za Ruhuhuma.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu, baremeza ivyo bitigiri vy’abishwe muri iyo Kivu y’Uburaruko. Muri MONUSCO bavuga ko abagore n’abagabo baba muri Nyamaboko ya mbere n’iyakabiri mu gace ka Masisi mu ntara ya Kivu y’Uburaruko, bishwe urw’agashinyaguro, n’abantu batakigira ubuntu, ndetse batakigira ikigongwe kuko basigaye bameze nk’inyamaswa. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, rivuga ko abakoze ubwo bubisha ari abantu b’inkozi z’ikibi bitwaza iterabwoba, kandi abo nyene bakaba aribo batera ubwoba abandi. Benshi rero muri abo bishwe, bakaba bicishijwe imipanga, batemwe.

Ako gace kari mu Burengero bwa Goma niko gatunze cane ubutare butandukanye, kagaca gakirimbirwamwo n’imirwi y’abicanyi itandukanye. Muri iyo mirwi rero iyogomvya ako gace, imwe ugasanga ari iba ari iyo mu bihugu bihana urubibe n’ico gihugu, iyo mirwi ugasanga ndetse yaromowe mu bihugu vyayo kubera ubwicanyi ikora. Amatohoza rero akaba yatanguwe n’ishirahamwe ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kugira abazagirizwa ayo mahano, baze babazwe n’ubutungane.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.