Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ralph Napierski yigize umukaridinale atariwe kugira aje mu matora ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ralph Napierski yigize umukaridinale atariwe kugira aje mu matora ya (...)

Ralph Napierski yigize umukaridinale atariwe kugira aje mu matora ya Papa

mardi 5 Ntwarante 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerzo rya 4 Ntwarante 2013 umutaliano yigize umupatiri aca
agerageza kwinjira aho aba cardinale bari bakoraniye mu nama idasanzwe mu gihe bariko barategura aho bazotorera umupapa mushasha imbere yuko bamwirukana muri Vatican.

JPEG - 17.7 ko

Uwo mugabo yari yambaye ikanzu y’abapatiri yirabura ngufi,n’umutamana abapatiri
bagerekako hejuru y’ikanzu,ashirako n’inkofero isanzwe itamenyerewe,aca yifatisha
amasanamu ari kumwe n’abandi bacardinale batazi ko ububegito yashatse gukora.

Yararamukije ,araganira na bamwe bari baje muri izo nama zitegura aho bazotorera uwundi mupapa,imbere yuko afatwa n’abajejewe umutekano baba Suisse.

Uwo yafashwe,yatowe kw’izina rya Ralph Napierski k’umurongo wiwe akorerako ”blog”, aca avuga ko asanzwe ari umunywanyi w’isengero rya Orthodoxe y’abataliyano, iyo nayo ikaba itabaho ariko ikaba yitwa “Basilius” mu kiratini.

Imbere yuko uwo yigize umweranda ariwe Ralph afatwa, yari yabanje gutyoza abapatiri ba katolika ko bakoze ikosa mu kwimura abapatiri bagirijwe gufata abana bakiri bato ku nguvu, babavana mw’iparuwase imwe babajana mu yindi.

Kuri uwo murongo wiwe nyene akorerako “blog”, Ralph Napierski yaravuze ko yatanguje urutonde rwo muri catolika rwa “Corpus Dei” hamwe na Yoga yise “Yoga de Jesus”. Aranemeza kandi ko yitangurije uburyo butuma abantu bakoresha ingurukanabumenyi bakoresheje ivyiyumviro vyabo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.