Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RCA:Parfait Onanga Anyanga yagenywe gusubirira Babacar Gaye kurongora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RCA:Parfait Onanga Anyanga yagenywe gusubirira Babacar Gaye kurongora (...)

RCA:Parfait Onanga Anyanga yagenywe gusubirira Babacar Gaye kurongora Minusca

samedi 15 Myandagaro 2015

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon yagenye Partfait Onanga Anyanga gusubirira Babacar Gaye mu mabanga yo kurongora urwego rwa Minusca rwagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika.

Parfait Onanga Anyanga yagenywe inyuma y’itangwa ry’imihoho rya Babacar Gaye,inyuma y’icegeranyo cerekanye ko hari abasirikare bo mu rwego rwa Minusca bahohoteye umwana w’umwigeme,bagakora kandi ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Mu bikorwa bitandukanye yakoze,Parfait Onanga Anyanga yararongoye umurwi wa ONU mu Burundi BNUB,yarakoze ku bibazo vy’umutekano mpuzamakungu n’akarere no mu mirwi ijejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu no gutsimbataza amahoro.

Parfait Onanga Anyanga ava mu gihugu ca Gabon,aje gusubirira Babacar Gyaye ava mu gihugu ca Senegal.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.