Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Abanyagihugu basubiye gukoresha ngendanwa zabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abanyagihugu basubiye gukoresha ngendanwa zabo

RD Congo : Abanyagihugu basubiye gukoresha ngendanwa zabo

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’aho habereye imyiyerekano yo kwiyamiriza integuro igenga amatora mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, amaterefone ntiyari bwasubire gukora neza.

Kuva ku wa 20 Nzero uwu mwaka, ubuhinga ngurukanabumenyi mu materefone ngendanwa, canke ubutumwa bugfi, bikaba bitakora, kuva aho habereye iyo myiyerekano. Umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwao rusangi ya Kongo, Lambert Mende akaba yari yabajijwe incuro nyinshi icatumye abanyagihugu babuzwa ubwo burenganzira bwo kuyaga babicishije muri ubwo buhinga, aca yishura ko ari ikibazo c’umwanya muto. Avuga ko Reta y’ico gihugu asanzwe avugira, yategerezwa guca imihora yose abanyagihugu bayagirako mu buhinga bugufi, mu gukinga ko haba indwano yari guhava ihitana abantu benshi.

Ariko rero abanyagihugu bakaba babandanya kwidoga, ko ibikorwa vyabo vyahungabanijwe rwose n’iryo yugarwa n’ubuhinga bw’ukwandika ubutumwa bugufi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.