Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Abarwanyi ba FDLR bari hagati y’1500 n’2000 bariko barondezwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abarwanyi ba FDLR bari hagati y’1500 n’2000 bariko barondezwa (...)

RD Congo : Abarwanyi ba FDLR bari hagati y’1500 n’2000 bariko barondezwa urushinge

lundi 23 Ntwarante 2015

Umugambi wo kurondera abarwanyi baba FDLR bari mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo uriko urabandanya, naho abo barwanyi bivugwa ko baca bahungira mu mashamba babonye abasirikare b’ico gihugu.

Abarwanyi bari mu muhari wa FDLR bagera kw’160 baramaze kwakwa ibirwanisho, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Abasirikare rero bakaba batariko barwanya aba FDLR kugira babarase, ahubwo bakaba bariko barondera abo barwanya igihugu c’Urwanda kugira babake ibirwanisho. Abarwanyi bagera ku 1500 n’ibihumbi bibiri bo mu muhari wa FDLR bakaba aribo bivugwa ko bakironderwa n’igisirikare ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira bakwe ibirwanisho, basubizwe mu buzima busanzwe.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Ntwarante, abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bakaba bariko bakurikira abo barwanyi muri Kivu y’Ubumanuko, ariko abo ba FDLR bakaba baciye banyikira mu mashamba ya Mwenga, abandi baja mu banyagihugu.

Tukabamenyesha ko abo barwanyi bariko barakwa ibirwanisho mu gihe bagirizwa guhunagabanya umutekano w’akarere k’Ibiyaga binini, harimwo kwiba abanyagihugu, kwica, gufata abagore ku nguvu n’ibindi vyaha bihohotera agateka ka zina muntu.


Aristide Nizigire

Messages

  • wowe wanditse iyinkuru ubwo wovugako nyoko wawe aba fdlr bamaze kumu fata kunguvu ? kandi umpe inyishu

  • None ibiwanditse wewe uravyemera kwarivyo koko? Ubuwokwemezako ababa Fdlr bahungabanya umutekano womukarere?

  • nuwera end baza muri ibi juju nkabanyoko mwamihimbirimwe barya buca babafata mpiri bose mwa misegamwe

  • Bagenzi iyo musomye inkuru sivyiza ko muca mutukana. Gerageza mube abagabo bijambo. Uwashikirije amakuru yagize neza natwe tuyasoma twari dukwiye gutanga iciyumviro aho gutukana.Ivyo ntaho biri mumico y’abarundi.

  • unva izo mbwa ibyo zakoze ziri kubyishura bari kuyerera nkimisega. ..zitagira aho zirara. .uyo nawe arenganya uwanditse inkuru un va nyoko yakubyaye urebe neza urasanga waramufashe kunguvu ...cyangwa grand mère wawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.