Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Abatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu barageramiwe n’iminyororo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu barageramiwe n’iminyororo

RD Congo : Abatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu barageramiwe n’iminyororo

vendredi 28 Ntwarante 2014

Diomi Ndongala asanzwe arongoye umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Joseph Kabila, yaciriwe umunyororo wo gupfungwa imyaka icumi, yagirizwa gushurashuza abana.

Uwo munyaporitike w’imyaka 52 y’amavuko, akaba yaciriwe urwo rubanza na sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo atariho ari, ndetse n’abamuburanira atariho bari. Yaciriwe gupfungwa imyaka icumi, mu gihe umukuru w’ico gihugu Joseph Kabila nawe ariko akora ibishoboka vyose, kugira abandanye arongora ico gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abanje guhindura ibwirizwa nshingiro.

Bamwe mu batavuga rumwe na Kabila, bakabona ko ari intumbero yo gukura bamwe ku rubuga rwa poritike, kugira aze asigare wenyene muri ayo matora bariko barategura. Diomi Ndongala rero akaba yaciriwe iyo myaka yo gupfungwa mu gihe n’ubudahangarwa yabukuweko. Ku wa 15 Ruheshi umwaka uheze, baramukuyeko ubudahangarwa mu nama nshingamateka, aho akaba yagirijwe kuba yarasivye ikiringo kirekire mu bikorwa vy’iyo nama nshingamateka. Ico kiringo yagirijwe kuba yarasivye naco, akaba yari mu munyororo i Kinshasa. Uyo mushingamateka akaba yaranakubaguwe ku wa 25 Ruheshi, amaze gukurwako ubudahangarwa, aho ndetse yananyurujwe, munyuma aja gutorwa ari ikiruruma.

Tukabamenyesha ko abari mu mashirahamwe yigenga mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, basaba umukuru w’ico gihugu kutica amatwi, no kutigira sindabibazwa mu bijanye n’ibiganiro hagati y’abatavuga rumwe nawe.


Aristide Nizigire

Messages

  • AKARI MW’IHENE niko KARI NO MUNTAMA!, burya Afrika dushobora kuba twisunze abandi hataragera!, None uraziko tugendera muntwaro za Democratie ya Cami?, ariko kuvyita uko n’uko bitoroshe kubironkera izina kuko Democratie yoyo nabuze ico ndayisubiriza! None ingorane ihagaze he?! Nibazako guha umuntu canke umurwi igihugu kuko bagitekuje siwo muti. None mbe nka wawundi; Uwompa igihugu aruko turwanye kandi nkaba mfise bimwe muvyaha vy’intambara no guhemukira abanyagihugu, nkba mfise n’utwabo mu kwaha, Uwokinkurako ngihema ni nde?, Democratie nokwemera n’iyabavuga rumwe nanje maze bagakunda nkabita abo tudahuza, mugutabagura nkabaha ku rusato udakunze akakabobereramwo n’aho mba ntazi ko nzomusangayo! Aha uwoshaka yokwizera Yesu we adahinduka kandi yasezeye ubutindi n’uburyarya ku giti giteye isoni I Golgotha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.