Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Umukuru w’igihugu yavuye inyuma ikiringo ca gatatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Umukuru w’igihugu yavuye inyuma ikiringo ca gatatu

RD Congo : Umukuru w’igihugu yavuye inyuma ikiringo ca gatatu

mardi 10 Ruhuhuma 2015

Umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yahevye ugusubira kwitoza ubugira gatatu mu kurongora ico gihugu mu gihe avuga ko binyuranye n’amategeko.

Ivyo rero vyavuzwe n’umuvugizi wa Reta Lambert Mende, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Umuvugizi wa Reta akaba ashikirije ivyo inyuma y’aho habereye imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora, ryari guhava rituma umukuru w’ico gihugu aguma ku butegetsi, ndetse bamwe mu bariko bariyamiriza iryo tegeko bakaba barahitanywe n’iyo myiyerekano.

Mukamenya ko bimwe mu bihugu vya rutura bimaze gusaba ko abarongoye ibihugu vyo muri aka karere k’ibiyaga binini bokubahiriza amategeko, bakubahiriza ibiringo vyabo vy’ukurongora ibihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • YABONYE KO AKENEYE KAZOZA KABANA NIGIHUGU CIWE ARONKE NINGENE YIRIRA UTWO YARONSE NTAHAVE AKORERA UBUSa

  • NIBAZA KO AKUNDA UMURYANGO WIWE NIGIHUGU CIWE NTAWUSOMERA BARIKO BAKOMA INDURU ,IKIBARIGWA NICUMVA ICEREKWA NIKIBONA. HAAAAA

  • Ew Nkurunzza uraba wumva birenge.....Tanga tanga amaraso atarseseka Imana imuvugiremwo pieter nawe atange

  • Nkurunziza niwe utahiwe nubwo azotsinda.

  • Yemwe,nukur ikabila Arerekanye kwatamwina wivyisi agihahamiye Mugiheabadinka"kagame na Nkurunziza"bipfuzakoboguma batwaragushika yesu agarutse kwisi. Nibazakwababereyakarorero Keza,nkibazako Nkurunziza nawe azogirankuko kabila yagize.

  • Mugabo ni akarorero kuri NKURUNZIZA nawe nazahirahire bitazamugwa nabi

  • Kandi nizere ko kabila ariwe akirimuto murabo bose we vyarigukunda kwagifise amaraso ashushe.Ubwo haracari urugamba rukomeye mukarere badakuye kirya gitama Museveni nicogisibije akarere kose.Ariko abandi batama nkawe bemeye gupfira kubutegetse basaba kugira ubumwe bw,afrika mugabo we yihaye ishingano yaguteza umutekano muke mukarere.Ubwo nidushimira kabila yerekanye ubutwari bwiwe agiye kwitekanira kandi namakungu azokwama yamwikoze ho.Mbe abo bigira ibinani ntibokwibaza abo basubiriye iyo bari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.