Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Umukuru w’igihugu yiyamirije imfashanyo ya ONU yo kwirukana aba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Umukuru w’igihugu yiyamirije imfashanyo ya ONU yo kwirukana aba (...)

RD Congo : Umukuru w’igihugu yiyamirije imfashanyo ya ONU yo kwirukana aba FDLR

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, asaba ibihugu bimwe bimwe kuvavanura n’ugushaka kwinjira mw’itunganywa ry’ico gihugu.

Ivyo umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, akaba yabivuze inyuma y’aho ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, ahamagariye bamwe mu baserukira ibihugu vyabo bagera kuri 18, muri abo hakaba harimwo n’uwuserukira umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu. Nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa Reta Lambert Mende, ubutumwa bwari bubiri gusa. Ubwa mbere, umukuru w’igihugu yashaka kubamenyesha ko aravye ubunenge buri mw’ituzwa ry’abarwanyi ba FDLR muri ico gihugu, ari naco gituma yiyamirije imfashanyo y’abasoda b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, avuga ko bazobiyirukanira bonyene, abakongomani.

Ikindi naco, akaba ari bimwe mu bihugu vyinjira mw’itunganywa ry’ico gihugu. Umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, akaba yafashe iyo ngingo, inyuma y’aho hari bamwe mu basirikare bo hejuru bafise ipete rya General bahagarikitswe mu bikorwa vyo kwirukana abo barwanyi ba FDLR bo mu Rwanda, bagirijwe ko batubahirije agateka ka zina muntu mu kurwanya abo ba FDLR. Iryo hagarikwa ry’abo basirikare rikaba ritigeze ribwirwa Reta.

Mukamenya ko n’aho Reta yafashe iyo ngingo, bamwe mu banyagihugu babona ko itoshobora yonyene kwirukana abo barwanya igihugu c’Urwanda basanzwe bari ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu gihe bacibuka igihe umuhari wa M23, wafata igisagara ca Goma mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2012, kandi abasirikare b’ico gihugu bararorera gusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ibi Kabila avuvga babyita gucurangira abahetsi mukinyarwanda, UN na DRC ya Kabila se ubundi barashe nde? hehe? na M23 ntayo bari gushobora iyo Tanzania na Malawi batabaha ’umusada. Ibyo Kabila akangisha abwira UN n’ ukwiyerurutsa kuko nta wutazi igihango afitanye na FDLR. Izo discours azajye azibeshyeshya abatazi great lakes geopolitics. When time comes to uproot FDLR once for all this will happen without any warning and useless speeches. Get warned because time is running out.

  • kabila, ndamwemeye, kurwanya FDLR ntanguvuzumurengera zikenewe, kurwanya FDLR bisabako bavuga ijambo rimwegusa kandi ryarakorewe abarundi bahozemwishamba ibirwanishovyabo babishikanye canke babitanze nkabarozwe, Barabikoreye numuhari witwa M23 maze barahamagarwa baravuga barabumviza imbere yokubarasa urusasu, kandiburya nihagera igihe cokwumviriza FDLR birakwiyeko niyindimigabwe yabanyarwanda ikorerahanze konayobayihamagara ikanka canke ikemera kukobatabahamagaye harimwo abotezibibazo gusumba niyo FDLR boserero icogihe nicagera nukuzobibuka mberejewe mbona arukuvuga ibihugu bifise abahanganye nubutegetsi bwirwanda si Congo gusa nibihuguvyishi nicogituma kubahamagara bakabaganiriza bizotuma batororokana iyobarihose maze bitahane ekambere ntayandi maraso twongeyekwumva asesetse mgihugu kibanyi ekambere nubutunzi tubona butifashenabi ntihagire ikibuhungabanya nkukovyagenze 94 ivyotwebwe nkababanyi bu Rwanda bizotunezera bimwebishimishije.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.