Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Kongo : Ikigongwe c’ikivunga ku banyeporitike kabiri mu kwezi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Kongo : Ikigongwe c’ikivunga ku banyeporitike kabiri mu kwezi (...)

RD Kongo : Ikigongwe c’ikivunga ku banyeporitike kabiri mu kwezi kumwe

jeudi 1er Rusama 2014

Bamwe mu banyeporitike bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo n’abandi bigeze kuba bagirizwa ivyaha, barabikuweko n’ubucamanza bw’ico gihugu.

Muri abo bagiriwe ikigongwe bashika kw’ijana, ni nka bamwe mu bahoze ari abarwanyi b’umuhari Bundi dia Kongo, M23, abarwanyi ba Kata Katanga n’abandi basanzwe bacuditse na Diomi Ndongala. Muri ico gihugu, ikigongwe c’ikivunga kikaba kiguma gitangwa, aho ndetse muri uku kwezi gusa kwa Ndamukiza ico kigongwe gitanzwe kabiri, Ku wa 19 Ndamukiza abagera kuri 50 baragiriwe imbabazi, nayo kuri uyu wa 30 Ndamukiza hakaba hababariwe abandi bagera kw’ijana.

Mukamenya ariko ko, n’aho abo bamwe bamwe bariko barababarirwa n’ubutungane bw’ico gihugu, hari n’abandi vyari vyitezwe ko bari kurekurirwa mu ntumbero yo kwubaka ico gihugu, catabagajwe n’intambara zitandukanye z’ubudumbidumbi bw’imihari irwana yaba iyo mu bihugu bihana urubibe, canke uturwi tw’abakongomani tumwe usanga twuzuyemwo abasuma bacukura ubutare bw’iraye muri ico gihugu. Muri abo bataronse ikigongwe tukavuga nka Makenga, Lumbala na colonel Tshibangu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.