Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora yahitanye abantu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora yahitanye abantu (...)

RDC : Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora yahitanye abantu n’ibintu

mardi 20 Nzero 2015

Igiporisi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kiracahanganye na bamwe mu bariko biyamiriza itegeko rigenga amatora.

Mu myiyerekano isa n’iyakaze cane kuri uyu wa 19 Nzero, igiporisi kikaba carashe abanyeshure bo muri kaminuza bariko biyamiriza iryo tegeko, ndetse kikaba cakoresheje inguvu zidasanzwe mu gushwiragiza abo banyagihugu. Muri iyo migumuko, abanyagihugu babiri bitavye Imana, umuporisi umwe nawene aricwa. Muri iyo myiyerekano nyene, bamwe mu batavuga rumwe na Reta bakaba biriwe bapfungiwe bamwe mu ngoro z’imigambwe yabo, abandi nabo, bakaba bugaraniwe mu mazu yabo. Amamangazini yasahuwe urukombamazi, amwe mu mazu arabomorwa, hatibagiwe imiduga yaturiwe.

Mukamenya ko kuva aho Joseph Kabila asa n’uwukuriwe hasi n’amwe mu mashirahamwe hamwe ndetse na Ekereziya Gatorika ko hamwe yohirahira akitoreza ubwa gatatu kurongora igihugu, bazomuvira hasi bakamwiyamiriza, yagirizwa kuba ariko akora ayandi manyanga kugira abe aragumye ku butegetsi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.