Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abagirizwa urupfu rw’abanyagihugu barenga 40 i Kamango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abagirizwa urupfu rw’abanyagihugu barenga 40 i Kamango

RDC : Abagirizwa urupfu rw’abanyagihugu barenga 40 i Kamango

vendredi 27 Kigarama 2013

Inkozi z’ikibi zari zigaruriye akarere ka Kamango hafi yaho bita Beni mu Buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, imbere y’uko bakurwaho n’igisirikare c’abakongomani.

Amakuru ava muri ako gace akavuga ko mu gitero cabaye kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 25 Kigarama, cahitanye abanyagihugu barenga kuri 40, hakekwa abahoze ari abarwanyi ba M23 boba bigize abaroberi b’abaganda. Iyi nkuru y’imvaho yemezwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ivuga ko bari abaroberi ba ADF bifadikanije na UPDF, igisirikare c’Ubuganda.

Mw’itangazo ryasohowe inyuma yaho agace ka Kamangu gakorewemwo ubwicanyi bw’agahoberabunwa, Omar Kavota, umuvugizi w’amashirahamwe yigenga yo mu Buraruko bwa Kivu yagirije igisirikare c’Ubuganda kuba kiri mucateguye ubwo bwicanyi. Omar Kavota agira ati: “Mw’ijoro ry’uwa 24 Kigarama, imiduga ine y’aba UPDF, igisirikare c’Ubuganda cazanye imizigo y’ibintu bitamenyekanye mu gace ka Kichanga, ku birometero 13 uja mu Buraruko bwa Kamango”. Abanyagihugu bo muri iyo micungararo bakaba barahunze.

Ariko mu biro bikuru vyo vy’intwaramiheto i Goma bo akaba atari uko babibona, bakavuga ko badashobora kwemeza ko abasirikare b’abaganda canke abahoze ari abarwanyi ba M23 ko boba bari mubagize igitero cabere i Kamango. Olivier Hamuli, umuvugizi w’igisirikare ca Congo (FARDC) akavuga ko ico bemeza gusa, ari uko Kamango yatewe n’abarwanyi ba ADF n’ubwo badahakana ko abaroberi b’abaganda bashobora kuba barafashije ADF mu kugira igitero.

Mwomenya ko kuri ico gitero cabereye i Kamango, Rene Abandi yahoze ari mu kiroberi akaba umwe mu bategetsi b’abanyaporitike yabajijwe, atashimye kugira ico avuze ku vyo abo baroberi bagirizwa. Yashimye gusa kuvuga ko kubagirizwa ubwo bwicanyi bw’i Kamango, ari iremantanya ryakozwe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.