Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abana 550 nibo basubijwe mu buzima busanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abana 550 nibo basubijwe mu buzima busanzwe

RDC : Abana 550 nibo basubijwe mu buzima busanzwe

jeudi 12 Nyakanga 2013

Abana barenga 550 nibo basubijwe mu buzima busanzwe, mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Ktanga muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, hagati y’ukwezi kwa Ntwarante na Myandagaro.

Uruganda rwo guhimiriza abana kuva mu mihari irwana bakaba bashoboye gusubiza mu buzima busanzwe abana bagera 557 hagati y’ukwezi kwa Ntwarante na Myandagaro 2013, na cane cane mu karere ka Malemba, Nkulu, Manono, Mitwaba hamwe na Pweto. Utwo turere tukaba turi mu gice co mu Buraruko bw ‘intara, aho utwo turere tudateye imbere nk‘ uduce two dusanzwe dufise ubutare bwinshi. Mbere muri utwo duce niho usanga imirwi myinshi irwana nk ‘aba Mai Mai hamwe n’aba Bakata-Katanga hamwe n’Abagedéons.

Ibigo 3 bikaba ari vyo bikunze kwakira abo bana. Ivyo bigo bikaba biri i Lubumbashi ,Kalemie ,Manono bakaba bafashije abana 444 , abandi 113 baragiye mu miryango yabo. Muri abo bana, 27 bavuye mu gisirikare c’igihugu, vyamenyeshejwe n’ umushingantahe sylvestre Ntumba Mudinagnyi, ajejwe gutanga amakuru muri OCHA.

Abagera ku 557 nibo basubijwe mu buzima busanzwe inyuma y’uruganda rwo guhimiriza rwabaye, mu kwezi kwa Ndamukiza n’ishirahamwe Action contre la pauvreté hamwe n’ayandi mashirahamwe, asanzwe afashwe mu mugongo n’ikigo mpuzamakungu citaho ineza y‘abana Unicef. Bikaba vyari bigamije gutera intege abana bave muri iyo mirwi irwana. Urwo ruganda rwo guhimiriza rukaba rwahimirije kandi iyo mihari irwana ko atari vyiza gukoresha abana .

Umukuru w ‘inama nshingamateka w’i Katanga, Gabriel Kyungu wa Kumwanza yari yatanguje uruganda rwo guhimiriza aho yamenyesha ko mu kwezi kwa Myandagaro amenyesha ko abazOkwemera gushira ibirwanoisho hasi ata bwoba bogira na gato. Kubona rero abo bana nabo barasubijwe mu buzima busanzwe, n’inyishu y’ihimiriza ryakozwe. Mw ‘ishirahamwe Unicef bakamenyesha ko abana bagera ku 4500 aribo bazosubizwa mu buzima busanzwe mu gihugu cose, abagera ku 1500 akaba aribo bitezwe gusa mu gisagara ca katanga ,intara isanzwe iteye imbere cane mu vy’ ubutunzi bwa Kongo.

Ishirahamwe Unicef rikaba ririko rirakora ibikorwa vyo gusubiza abana mu buzima busanzwe, kuva mu mwaka wa 2008,abana bashika ku 5400 nibo bafashijwe gusubizwa mu buzima busanzwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.