Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC:Abana babiri bahitanywe na nyamugigima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Abana babiri bahitanywe na nyamugigima

RDC:Abana babiri bahitanywe na nyamugigima

vendredi 7 Myandagaro 2015

Abana babiri nibo bimaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima yabaye mu bucagucagu brwo kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro,mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Congo n’ibihugu bihana imbibe.

Abo bana bapfuye igihe inzu barimwo iri hafi y’ikibuga c’indege ca Bukavu, yasambuka kubera iyo nyamugigima.Iyo nyamugigima yari ifise umurindi wa 5.6 ku rupimo rwa Richter.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende akaba n’umuvugizi wa Reta ya Republika iaharanira Demokrasi ya Kongo, yavuze ko hari n’amazu y’iruhande yaho yononekanye.

Umurindi w’iyo nyamugigima yaturutse hafi y’ikiyaga Tanganyika, warumvikanye no kugera mu bihugu vy’Urwanda, n’ Uburundi.

Abategetsi mu Rwanda bavuga ko hari abakomeretse ariko bidakabije.
Iyo nyamugigima yumvikanye nko mu masaha icenda z’ijoro.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.