Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abantu 15 bacukura ubutare bapfuye banizwe n’impwemu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > RDC : Abantu 15 bacukura ubutare bapfuye banizwe n’impwemu

RDC : Abantu 15 bacukura ubutare bapfuye banizwe n’impwemu

lundi 29 Kigarama 2014

Abantu cumi n’abantu(15) bahora bacukura ubutare bidaciye mu mategeko i Katanga, intara isanzwe ifise ubutare bwinshi, bapfuye banizwe n’impwemu bariko baracukura.

Nkuko vyashikirijwe n’ubutegetsi bw’intara ya Katanga iri mu bumanuko bushira ubuseruko mu gihugu ce repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) kuri uyu wa mungu wa 28 Kigarama 2014, abantu cumi n’abatanu barapfuye banizwe n’impwemu, igihe bariko baracukura ubutare.

Deoda Kapenda, umukuru w’igisagara i Kolwenzi, yamenyesheje ko abo bantu 15 bariko bacukura ubutare bitarekuwe n’amategeko, bapfiriye aho bariko baracukurira ubutare i Kowenzi, ku metero zirenga kuri 20 uja mu kuzimu. Abo bantu bakaba kandi babasanze bafise ubushe ku mubiri batazi iyo bwaje buva mu gihe vyagaragaye ko bapfuye banizwe n’impwemu (morts étouffés) mu kinogo bariko baracukuriramwo.

Icatanganje abantu, ni ukungene basanze ibiziga vyabo bantu 15 bifise ubushe umubiri wose batazi iyo bwaje buzananye, bikagira n’akamoto (odeur) nka k’inyama yokeje. Ivyo biziga bikaba vyaciye bihambwa bidatevye. Ubutegetsi bw’i Kolwenzi bukibaza ubwo bushe aho bwoba bwaturutse ku bushuhe bwinshi bw’izuba bwarasiye isi (forte radiation).

Mwomenya ko atari ubwo bwa mbere i Katanga abacukura ubutare bahitanwa n’umwuga wabo mu gihe baba bariko bararondera n’idorari rimwe ryababeshaho ku munsi, naho babikora batabirekuriwe n’amategeko.


Mariella BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.