Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abashikiranganji indwi birukanywe muri Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abashikiranganji indwi birukanywe muri Reta

RDC: Abashikiranganji indwi birukanywe muri Reta

jeudi 17 Nyakanga 2015

Abategetsi indwi muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo barirukanywe muri Reta,inyuma yo kwandikira umukuru w’igihugu kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2015,bamusaba ko atorondera kuguma ku butegetsi.

Ibwirizwa nshingiro rya Republika iharanira Demokrasi ya Kongo ritegekanya ko ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizohera mu mwaka uza ariko wewe yaranse kuvuga atazosubira kwitoza.

Abakuru b’ishirahamwe rihuriyemwo imigambwe indwi G7 ryaramugabishije ko kutubahiriza ibwirizwa nshingiro bishobora kubangamira umutekano w’igihugu.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga 2015,abanywanyi barenga 5000 b’imigambwe itavuga rumwe na Reta,baritavye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora yo kwigizwa inyuma,kuko kubwabo ari umugambi wuko umukuru w’igihugu aguma ku butegetsi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Amasezerano Akwiriye Kugendegwako Kandi Ibiganiro Niyo Nyishu Yibibazo Vyose Bihanze Igihugu.

  • Amasezerano Akwiriye Kugendegwako Kandi Ibiganiro Niyo Nyishu Yibibazo Vyose Bihanze Igihugu.

  • Ibi namba mutabibona ibintu biriko biraba muri africa vyerekana INTAMBARA YA GATATU Y’ISI YOSE rindira muzobibona bitabaye ivyo YESU ari munzira ari hafi

  • Jewe namba uyumuoeredida atakantu karimeibwirizwashingiro kamufasha kudugurako ngwashobore kwitoza ntakwute guhindura ibwirizwashingiro ngwakunde azokwitoze. Arikorero abonabo usanga bitanganyika bandika amajambo yoguritiriza umukuru wigihugu ngontazahirahire ngoyitoze mbona babifisemwo uruhara mubituma mugihugu hacahabamwo akajagari, kukondamba ibwirizwashingiro rivugako umukuruwigihugu amaribiringobibiri uwubajije abobakorana numukuruwigihugu bababishurako ikiringociwe kitarahera atikandi igihe cogutanga abakadida nihomuzobonera igihagararo ciwe atariko mwibande kugusoma ibwirizwanshingiro rirabaha inyishu.

  • None gayemwe abategetsi b’Africa,bagwaye ingwar-imwe,yo kwigumiza kubutegetsi? Kagame mu rwanda,ngo ntarekuru,Nkurunziza ngo tuma mwica,none na Kabila atayeko! Mana tara afrika turarushe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.