Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bagiye guhangana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bagiye guhangana (...)

RDC: Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bagiye guhangana nayo

vendredi 18 Nyakanga 2015

Ishirahamwe rihurikiyemwo imigambwe indwi itavuga rumwe na Reta ya Republika ihara Demokrasi ya Kongo G7,rimenyesha ko rigiye guhangana na Reta,inyuma yaho umukuru w’igihugu yirukanye bamwe mu bashikiranganji barivamwo.

Mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015,ishirahamwe G7 ryavuze ko mu minsi ya vuba rizoshira ahabona imigambi itandukanye rizogenderako.

Abakuru b’ishirahamwe G7 baburiye umukuru w’igihugu Joseph Kabila ko kutubahiriza ibwirizwa nshingiro bishobora kubangamira umutekano w’igihugu.

Abirukanywe muri Reta,bazize kuba bandikiye umukuru w’igihugu Joseph Kabila bamubuza kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe kimaze kurangira mu mpera z’umwaka uza w’2016.

Ibwirizwa nshingiro ritegekanya ko ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizohera mu mwaka uza ,ariko wewe ntaravuga nimba atazosubira kwitoza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.