Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Amasezerano mpuzamakungu y’amahoro araterwako umukono - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Amasezerano mpuzamakungu y’amahoro araterwako umukono

RDC: Amasezerano mpuzamakungu y’amahoro araterwako umukono

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Amasezerano y’amahoro kuri Republika iharanira Demokrasi ya Congo,vyari bitegekanijwe ko aterwako igikumu mu kwezi gu8heze ariko bikigizwa inyuma,arashirwako igikumu kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2013 I Addis-Abeba muri Etiyopiya ku cicaro c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’abafaransa RFI,abakuru b’ibihugu 8 vyo muri Afrika nibo bashira umukono kuri ayo masezerano hari umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki-Moon,agomba kugira ayo masezerano intango y’igikorwa gishasha ca ONU mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Kw’igenekerezo rya 28 Nzero guheze,Ban ki-Moon yari yababajwe n’ikurwaho ry’amasezerano kuri Congo,iminota 30 imbere yuko bayaterako umukono.

Ubu,umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arizeye ko ata mukuru w’igihugu n’umwe aza kwanka ico gikorwa.Ivyo bihugu 8 bishira umukono kuri ayo masezerano ni Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, u Rwanda, u Buganda,Angola,u Burundi,Congo –Brazaville,Afrika y’Epfo na Tanzaniya.

Kubwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ayo masezerano ategerezwa kuba iyindi ntambwe nshasha muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo kugirango bahanagure ivyo batashoboye gukora I Goma.Harimwo igikorwa co kwanka ko ibihugu bibanyi vya Kongo vyoreka kwisuka mu bibazo vyo muri Kivu no gukurikirana neza ko Kinshasa ikurikiza ivyo yiyemeje.

Imwe mu ngingo zifatwa harimwo gushiraho urwego rw’abasirikare ba karuhariwe 2500 bazoba bajejwe kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho muri Kongo na cane cane umuhari M23.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.