Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Bamwe barahunga abandi bagahunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Bamwe barahunga abandi bagahunguka

RDC: Bamwe barahunga abandi bagahunguka

jeudi 31 Gitugutu 2013

Kuva aho imirwano isubiye kwadukira muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hagati y’igisirikare ca Leta n’umuhari M23, abanyagihugu bamwe babandanya guhungira mu gihugu ca Uganbda mu gihe hari n’abandi bahunguka bava mu Buganda iyo bari barahungiye baja i Bunagana.

Kuva ku munsi w’ejo rero biravurwa ko igisagara ca Bunagana cafashwe n’abasirikare b’igihugu, ico gisagara kikaba arico cari ikirindiro gikuru c’umuhari M23 kuva mu mwaka uheze aho abo barwanyi birukaniye abasirikare b’igihugu. Aho nyene, niho n’umukuru w’umuhari yaba. Ku munsi w’ejo, indwano bivugwa ko zitamaze umwanya munini, ndetse abanyagihugu babakongomani bari ku dusozi tureture duhanamiye igisagara ca Bunagana mu gihugu c’UBuganda, barindiriye ko indwano zirangira kugira batahuke, inyuma y’igihe kirekire bari mu buhungiro.

Amakuru ava aho i Bunagana avuga ko bamwe mu barwanyi boba baciye bambura impuzu za gisirikare, bajabuka imbibe bagana mu gihugu kibanyi c’Ubuganda, mu gihe abandi batari bake boba barishikanye. Biravugwa kandi ko muri iyo mirwano hoba harasize ubuzima abasirikare atari bake ku ruhande rwa Leta, ndetse harimwo uwoba afise ipete rya colonel ava mu gihugu ca Tanzaniya.

Intumwa idasanzwe ya ONU muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yabariye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere ko umuhari wa M23 utagiteye ubwoba mu rwego rwa gisirikare.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.