Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Ban Ki-Moon mu rugendo arimwo yashikiye mu ngwano za M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ban Ki-Moon mu rugendo arimwo yashikiye mu ngwano za M23

RDC: Ban Ki-Moon mu rugendo arimwo yashikiye mu ngwano za M23

mercredi 22 Rusama 2013

Ingwano yasubiriye mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu hagati y’abarwanyi M23 n’igisirikare ca Congo, hafi y’igisagara ca Goma, imbere y’uko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon ashika muri ico gihugu.

Umwe mu ntwazangabo zo mu murwi M23, akaba n’umuvugizi w’uwo murwi, Lt Col Vianney Kazarama yamenyesheje ko abasirikare ba Congo « FARDC » ( Forces Armées de la RDC) babateye mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, muri zone Mutaho, bakoresheje ibirwanisho vya muzinga.

Colonel Mustapha Mamadou, arongoye ibikorwa mu gisirikare ca FARDC, ku kibazo c’ukwemeza izo nkuru zatanzwe na M23 yishuye ko mbere utari ubaye umusi wa mbere, ko bakwije imisi itatu barwana urutavanako.

Izo ngwano zazindutse mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari yitezwe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Kinshasa, akaba kandi ku musi w’ejo kuwa kane azogendera akarere ka Goma, ahasanzwe hari inteko z’abasirikare za MONUSCO, iza mbere kw’isi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umwe mu bategetsi bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ku mugoroba w’ejo kuwa kabiri ko urugendo rwa Ban Ki-Moon i Goma rudashobora gusiba naho umutekano ari muke.

Inyuma y’amezi atari make ingwano zacureshe hagati ya M23 n’abasirikare ba Congo, basubiriye ku musi wa mbere i Mutaho, ku birometero bigera kuri cumi mu buraruko bwa Goma, igisagara co mu ntara itunze kandi yibasiwe n’intureka mu buraruko bwa Kivu.

Igitigiri c’abaguye muri izo ngwano kuva kuwa mbere ntibagihurizako abo barwana. Leta ivuga ko hamaze gupfa abagera kuri 19 (abo muri M23 cumi na batanu n’abasirikare ba Leta bane), mu gihe muri M23 nabo bamenyesha ko intwazangabo zibiri zo mu basirikare ba FARDC bahasize ubuzima.
Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko ukwo gusubira kw’intureka kwatumye abantu benshi bata izabo barahunga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.