Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : FDLR bagira bavugutirwe umuti wahawe M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : FDLR bagira bavugutirwe umuti wahawe M23

RDC : FDLR bagira bavugutirwe umuti wahawe M23

mercredi 6 Munyonyo 2013

Inyuma yaho abarwanyi bo mu muhari wa M23 birukaniwe ku birindiro bariko n’abasirikare b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bafashijwe n’ingabo za MONUSCO, ubu naho bagira batandukire abarwanyi ba FDR, birukanwe nabo ku birindiro vyose, nk’uko bivurwa na Lambert Mende umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa Leta.

Abarwanyi ba M23

Mende avuga ko atakarwi na kamwe bagiye kwemerera ko kaguma kadogoya abanyagihugu bo mu gihugu cabo, ari naco gituma ubu naho uyo murwi w’abarwanyi ba FDLR bagiye guhagurukirwa kuko atakibanza na gito bafise mu gihugu cabo. Inyuma,rero yo kwirukana M23 ku birindiro vyose, Leta ya Kongo Kinshasa yavuze kuri uyu wa 5 Munyonyo, ko intumva za FDLR nazo bagira bazihagurukire, kuko bo babagiriza no gufata abakenyezi n’abakobwa ku nguvu eka ndetse no kunyuruza abantu, bagasarura imirima ya barundi atacamira, co kimwe no kwiba ibitungwa.

Mende akaba avuga ko FDLR yo bagiye kuyigira nk’akaravyo, mu gihe na M23 wari warigize Leta mu zindi ubu birukanywe ubutarariye ku birindiro vyose bari bariko. Mu kamenya ko ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ari kimwe mu bihugu vya Afrika yo hagati bifise uturwi twinshi tw’inkozi z’ibibi ku butaka bwaco, ndetse imirwi imwe ikaba iri ku ntonde z’imirwi igira iterabwoba.

Abarwanyi ba FDLR

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.