Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Ibiganiro hagati ya M23 na Reta bisa n’ivyahagaze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ibiganiro hagati ya M23 na Reta bisa n’ivyahagaze

RDC: Ibiganiro hagati ya M23 na Reta bisa n’ivyahagaze

jeudi 24 Nzero 2013

Ibiganiro bihuza umuhari M23 na Repubrika iharanira demokrasi ya Congo biriko bibera iKampala mu gihugu c’u Buganda ntibiriko birabandanya neza bivuye ko umuhuza w’umuganda Crispus Kiyonga atemera gukora ku kibazo kijanye n’inzego zavuye mu matora yo muri Munyonyo umwaka w’2011.

Kuva ibiganiro bitangura hagati y’umugwi M23 na Leta ya Repubrika iharanira demokrasi ya Congo, kw’igenekerezo rya 9 Kigarama umwaka w’2013,ikintu kimwe co nyene mu vyari bitegekanijwe nico bamaze kuganirako.Ivyo navyo hakaba harimwo,kwihweza aho ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo kuwa 23 Ntwarante 2009,ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano hamwe n’ibindi bibazo.

Ivyo kuganirako n’uburyo bobiganiramwo nivyo vyatumye ibiganiro vyikwega.Igenekerezo rya 16 Nzero,umuhari M23 na Kinshasa bari bumvikanye ku vyo boganirako.Rero turetse gusubira kwihweza amasezerano yo kuwa 23 Ntwarante 2009,ayo nayo akaba yari ashingiye ku bibazo vy’umutekano,ibibazo vy’umubano,ubutunzi n’imibano hamwe n’ishirwa mu ngiro ryayo.

Ariko rero inyuma yaho kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2013 umuhuza Crispus Kiyonga yaranse ko higwa ikibazo kijanye na leta ihari,intumwa za M23 zagiye kuganira na leta ya Congo zaciye zivuga ko ico kibazo cari ku rutonde rw’ibizoganirwako nk’uko vyari vyashizweko umukono igenekerezo rya 16 Nzero.

Ivyo rero biri uko mu gihe Leta ya Congo yoyo ivuga ko ivyo umuhuza yashikirije arivyo kuko ibiganiro bidategerezwa gushingira kuri Leta yavuye mu matora yo muri Munyonyo umwaka w’2011.

Bamwe rero mu bagize intumwa za M23,bakaba badatahura ubuhinga umuhuza akoresha mu guhuza iyo migwi,ko mbere batabuha agaciro.Nkuko Roger Lumbala ari kumwe n’intumwa za M23 abivuga, ngo kuba mbere Crispus Kiyonga ariwe abahuza biri mu bituma ibiganiro bihagarara.Afatiye mbere ku karorero k’igihugu ca Centrafrika ngo ibiganiro vyatwaye iminsi itatu yonyene,akaba yibaza ko kuba ibiganiro hagati ya M23 na Leta ya Congo biteba ari ukutumvikana hagati y’abavuga ururimi rw’icongereza n’abavuga ururimi rw’igifaransa.

Tubamenyeshe ko gushika ubu,intumwa za M23 zitariyamiriza uwo muhuza ava mu gihugu c’u Buganda,ariko zikaba zisaba ko yobaha umubonano, kugira bamushikirize ingorane bafise.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.