Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Ibisigarira vya Mobutu na Tshombe bigiye gutahukanwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ibisigarira vya Mobutu na Tshombe bigiye gutahukanwa mu (...)

RDC : Ibisigarira vya Mobutu na Tshombe bigiye gutahukanwa mu gihugu

jeudi 24 Gitugutu 2013

Nk’uko tubikura mw’ijambo rikomeye yavugiye imbere y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka za Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, umukuru w’igihugu Joseph Kabila yamenyesheje ko mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyifuzo vyavuye mu biganiro vy’igihugu, ibisigarira vy’abategetsi 2 baguye mu mahanga, Joseph Mubutu yari umukuru w’igihugu na Moise Tshombe, uwari umushikiranganji wa mbere, bizotahukanwa mu gihugu.

Umukuru w’igihugu Joseph Kabila yamenyesheje kandi ko agiye gushinga Leta y’ubumwe bw’igihugu izoba ihurikiyemwo n’abatavuga rumwe n’umugambwe wiwe, hamwe n’abari mu mashirahamwe ategamiye Leta.

Nk’uko Joseph Kabila, umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo abandanya abimenyesha, iyo Leta izoba ifise ihangiro yo kugarukana amahoro mu gihugu, gusanura ivyasambutse, hamwe no gutegura amatora yimirije.

Umukuru w’igihugu Joseph Kabila yamenyesheje kandi ko ata kigongwe kizohabwa abayobozi b’abarwanyi bo mu murwi M23.

JPEG - 19.1 ko
Joseph Kabila, umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.