Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Ibiziga vy’abanyagihugu birenga 40 vyatowe mu tuzu twa surwumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ibiziga vy’abanyagihugu birenga 40 vyatowe mu tuzu twa surwumwe

RDC: Ibiziga vy’abanyagihugu birenga 40 vyatowe mu tuzu twa surwumwe

jeudi 26 Kigarama 2013

Amakuru ava mu Buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, amensha ko abanyagihugu barenga kuri mirongo ine, aribo bitavye Imana ku gatumba ka Kamango.

Nk’uko vyashikirijwe n’amashirahamwe yigenga (amashirahamwe mpuzamakungu, amasyndika) yo mu ntara yo mu Buraruko bwa Kivu, abagirizwa ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa, bwo kuri uyu wa gatatu igenekerezo 25 Kigarama 2013, akaba ari abicanyi bava mu gihugu c’Ubugandaba ADF- Nalu (Forces alliées démocratiques-Armée nationale pour la libération de l’Ouganda), bahora bakorana n’igisirikare c’Ubuganda.

Gushika mu gitondo co kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 26 Kigarama, hari hamaze gutorwa ibiziga vy’abanyagihugu barenga kuri 40 biri mu tuzu twa surwumwe. Umukuru w’ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike ryo mu gace ka Kamango, Teddy Kataliko yamenyesheje ko inyuma y’ivyo biziga birenga 40 vyatowe, hari n’abarenga kw’icumi vy’abakometetse. Abajejwe gutabara imbabare bo mu muryango wa Croix rouge hamwe n’igiporisi bikaba bariko birakorera hamwe, kugira barabe ko ata bantu bagikomeye bariyo canke ibindi biziga bigisigayeyo.

Ku munsi w’ejo ku wa gatatu, igenekerezo rya 25 Kigarama, Teddy Kataliko yari yamenyeshee ko hari abanyagihugu barenga kw’icumi banyurujwe, 11 bakometetse, abasirikare batanu bakomeretse hamwe n’abandi banyagihugu batazwi igitigiri bapfuye inyuma yo guturirirwa amazu.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, indege zo mu bwoko bwa kajugujugu z’abanyafrika y’Epfo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, baciye bakikuza ibibanza bikekwamwo abicanyi gushika ku mugoroba, bakaba bari bashoboye kugarukana umutekano muri ico gisagara.

Mwomenya ko abo ba ADF-Nalu bagizwe ubu n’aba islamu bavutse mu mwaka w’2001, umukuru wabo nawe Jamil Mukulu, akaba yarahawe ibihano kuva mu mwaka w’i 2011.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.