Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Imirwano yo muri Goma yasesereje abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Imirwano yo muri Goma yasesereje abanyagihugu

RDC : Imirwano yo muri Goma yasesereje abanyagihugu

dimanche 25 Myandagaro 2013

Mu gisagara ca Goma kiri muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, havurwa imirwano, aho abantu babiri bamaze kuhasiga ubuzima. Izo ndwano rero ziriko zihuza umurwi M23 n’igisirikare ca Leta.

Kuva ejo ku munsi wa gatandatu, indwano zari mu micungararo y’ico gisagara, ndetse mu gisagara ca Goma ntanakakacira. Ku murango w’umunsi w’ejo naho, imirwano hagati y’umurwi wa M23 n’igisirikare ca Leta yariko ibera mu Buraruko bw’igisagara ca Goma, ivyo bikaba vyatangajwe na Monusco. Umwe mu banyagihugu baho i Goma, avuga ko ikibombe caturikiye iruhande y’inzu yiwe muri Goma y’Uburengero muri karatiye yitwa Ndosho, aho abantu babiri baciye bitaba Imana ubwonyene. Ibindi bibombe bibiri vyaraguye hafi y’igisagara, kimwe hafi y’ikambi y’impunzi ya Mugunga ya 3 ku bilometero nka cumi vy’igisagara ca Goma, ivyononekaye bikaba bitaramenyekana.

Gushika n’ubu haracari ubwoba mu banyagihugu baho i Goma, kuko bagumiza amaso mu kirere bibaza ko amabombe ashobora kubarwako, azananye ahariko harabera imirwano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.