Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Impunzi z’abakongomani 20 zaraye zitwawe n’uruzi zivuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Impunzi z’abakongomani 20 zaraye zitwawe n’uruzi zivuye mu (...)

RDC : Impunzi z’abakongomani 20 zaraye zitwawe n’uruzi zivuye mu Buganda

lundi 24 Ntwarante 2014

Impunzi z’abakongomani zishika kuri mirongo ibiri zasomye nturi mu ruzi, abashika kuri 41 bararokoka hamwe n’abandi insinzi batazi irengero ryabo. Ivyo bikaba vyabereye ku kiyaga citiriwe Albert, igihe bari mu bwato bavuye mu gihugu c’Ubuganda bagana mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda amenyesha ko ku munsi wa gatandatu wa 22 Ntwarante hari ubwato bwari buvuye muri ico gihugu butwaye impuzi z’abakongomani, bugeze ku kiyaga citiriwe Albert ubwo bwato buca buratwarwa, abagera kuri 20 baritaba Imana, n’abandi isinzi bakaba bataramenya irengero ryabo. Abarokotse nabo bakaba baciye batwarwa ku bitaro vyitiriwe Bundi Budio vyari hafi, mu gihugu c’Ubuganda.

Nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’agace ka Bahema k’amaja epfo y’iguhugu c’Ubuganda yari mubariko baragira amatohoza y’iyo mpanuka yabaye, ubwo bwato bwari butwaye impunzi z’abakongomani zigera kw’ijana na miringo itanu zigana igihugu cabo c’amavuko. Mukamenya ko izo mpunzi zari zimaze imyaka itari mike ziri mw’ikambi y’impunzi y’i Tchangwati iri mu gihugu c’Ubuganda.
Uwo mutegetsi w’ako karere abandanya avuga kandi ko izo mpunzi z’abakongomani zari zabanje guca mw’ibarabara rya Kitebere - Bundi Budio imbere y’uko zifata ubwato bwahavuye bubasuka mu kiyaga. Ubu ibikorwa vyo kurondera ibindi biziga vyoba vyatwawe vyatanguye.
Inyuma y’abahasize ubuzima, bivugwa kandi ko hari ibindi bintu vy’agaciro bitari bike vyahazimiriye, gushika n’ubu igitigiri c’ivyahononekariye vyose bikaba bitaramenyekana.

Ku ruhande rw’ubuserukizi bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo buri mu gihugu c’Ubuganda, abategetsi bavuga ko bakirindiriye icegerenyo gitangwa n’Ubuganda hamwe n’ishirahamwe HCR kugira bamenye neza ivyahononekariye muri rusangi.

Mwomenya ko iyo mpanuka y’ubwato bwibiye mu ruzi yabaye inyuma y’iminsi ibiri gusa umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, Justin Kalumba atanguje uruganda rwitiriwe "Ni itegeko kwambara impuzu zo kwikingira mu mazi."


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.