Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Indwano hagati ya Makenga na Runiga zarahagaze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Indwano hagati ya Makenga na Runiga zarahagaze

RDC: Indwano hagati ya Makenga na Runiga zarahagaze

samedi 2 Ntwarante 2013

Indwano zabaye hagati y’imirwi ibiri itavugarumwe yo mu muhari M23 zarahagaze kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2013, mu karere k’uburaruko bwa Kivu akarere karimwo umutekano muke m’ubuseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Izo ntambara zabaye kuwa kane,zabereye mu karere ka Rutshuru ku birometero 30 m’uburaruko bw’umurwa mukuru w’intara Goma. Izo ntambara zoba zahitanye abantu 30,nk’uko amakuru ava mu bajejwe umutekano abimenyesha.

Izo ntambara zatumye kandi abantu batari bake bahungira mu gihugu c’Ubuganda nk’uko umukenyezi w’umudandaza yabimenyesheje itororokanirizo ry’abafaransa AFP kuri telephone.

Izo ntambara zahuza abashigikiye Jean-Marie Runiga uwahora arongoye igisata ca politike muri M23,aherutse gukurwa muri ayo mabanga,hamwe n’abashigikiye Sultan Makenga,umukuru w’abarwanyi.

JPEG - 8.8 ko

Amakuru ava m’ubuseruko bwa Kongo avuga ko inyuma yahoo barwirije abarwanyi ku birindiro bari bafise kuva mu mezi aheze,intambara zatanguye mu gatondo ko kuwa kane inyuma y’igitero cakozwe na Makenga,ariko mw’ijoro ryo kuwa kane buca ari kuwa gatanu Runiga nawe yaciye abasubiza.

Abasirikare ba Sultan Makenga bari hamwe I Bunagana ku rubibe Kongo ihana n’Ubuganda mu gihe abashigikiye Runiga bari I Kibumba hafi ya Goma.

Abashigikiye General Jean Bosco Ntaganda aronderwa na sentare mpuzamakungu imwagiriza amabi akorwa mu ntambara bagiye hamwe n’abashigikiye Runiga.

Ibirindiro vyarimwo M23 imbere y’uko ibintu bihinduka vyarahebwe kugirango abari ku ruhande rumwe biyegeranirize hamwe.

JPEG - 8.8 ko

Izo ntambara zadutse hagati ya Sultan Makenga na Jean Marie Runiga inyuma y’amasezerano yateweko igikumu kuri uno wa 24 Ruhuhuma I Addis Abeba hagati y’ibihugu 11 vyo mu karere,amasezerano y’amahoro mu karere.

Amakuru ava m’ubuseruko bwa Kongo amenyesha ko Runiga yoba yipfuza kubandanya intambara mu gihe Makenga yipfuza ko intambara zihera hagaruke umutekano.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.